NEWS

Igihugu c’Urwanda cubakiye inzu aboro, ariko hari ibisabwa kugira bazibemwo.

on

Igihugu c’urwanda, mu mugambi waco cihaye kuva mu mwaka wa 2016 wo kwubakira amazu aboro na aba ntahonikora bashobora kubamwo, ico gihugu catanguye gushitsa ivyo ciyemeje mu kwubakira amazu abo boro bashobora kubamwo, ariko hariho ibisabwa,nk’uko The African Exponent ibivuga.

Bimwe bimwe mu bisabwa kugira ngo izo nzu bazibemwo akaba ari uko abazibamwo basinya urwandiko rwemeza ko ‘batazogurisha ayo mazu canke ngo bayapangishe‘.

Ibigwati vyubakwa na Leta y’Urwanda vyitwa kandi ‘ibigwati vyo kurata,Model Village) biriko vyubakwa ahatandukanye mu gihugu c’Urwanda, hariho mbere aho usanga ayo mazu ashizwemo ivya ngombwa nk’umuyagankuba, amazi, amasoko ya kijambere n’ibindi, nkuko ikinyamakuru caho mu Rwanda The News Times kibishira ahabona.

Nk’uko ikigo c’Urwanda kijejwe Uburaro(Rwanda Housing Authority) kibishira ahabona, kugeza mu mwaka wa 2020, n’imiburiburi ibice 70% vy’abanyagihugu b’abanyarwanda baba mu misozi bazoba aba muri ivyo bigwati vya kijambere maze bashobora gushikira ivya nkenerwa mu buzima.

Igihugu c’Urwanda kikaba gishirwa mu bihugu biriko bitera imbere cane muri Africa, aho umurwa mukuru w’ico gihugu, Kigali, uharurwa mu bisagara vya mbere muri Africa vyubatse neza mu buryo bujanye no kwubahiriza ibidukikije.

Raba amafoto y’ayo mazu:

Recommended for you