NEWS

Igihugu c’Urwanda coba kiriko gitegura kwihora Uburundi

By

on

Igisirikare c’Uburundi kirabeshuza amakuru acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi, cane cane zo mu gihugu c’Urwanda, avuga ko abamaze iminsi bakora ibitero mu gihugu c’Urwanda, hafi y’urubibe ico gihugu gihana n’Urwanda, baba baje bava mu Burundi, bakongera bagasubira mu Burundi inyuma y’ivyo bitero.

Mw’itangazo ryateweko umukono na Floribert BIYEREKE, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, yamenyesheje ko ata kimenyetso na kimwe cerekana ko hari umurwi n’umwe w’abitwaje ibirwanisho woba utera Urwanda uvuye mu Burundi.

Colonel BIYEREKE amenyesha ko ivyo abishikirije inyuma y’aho hari abasirikare b’Uburundi bishikiye ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, kugira batohoze bongere birabire ivyo bivugwa.

Colonel BIYEREKE Floribert asaba ariko abajejwe umutekano w’Uburundi kurikanura, kugira umutekano w’imbibe z’Uburundi wubahirizwe.

Tubamenyeshe ko inyuma y’ayo makuru avuga ko abatera Urwanda bava mu Burundi, hari ibihuha bivuga ko hoba hari umugambi w’ugutera Uburundi, ivyo bigakorwa n’abavuye mu Rwanda. Ikinyamakuru UBM News cakuye ayo makuru y’iterwa ry’Uburundi ku musozi Ruhororo, komine Mabayi, intara ya Cibitoke, hafi y’urubibe rw’Uburundi n’Urwanda.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara bakaba barafashe ingingo zikomeye z’ugucungera umutekano, mbere n’abasirikare batari bake bakaba bararungitswe muri iyo ntara gukomeza umutekano.

Recommended for you