INTERNATIONAL NEWS

Igihugu c’Urwanda caraye kirungitse ikigendajuru mu kirere

By

on

Ico kigendajuru citiriwe Icyerekezo kikazofasha mu vyerekeye gutumatumanako amakuru nkuko bivurwa n’ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru mu gihugu c’Urwanda na cane cane mu mashure aho azoronka umuhoro bitagoranye gushika ku mashure ari kure mu misozi.

http://french.china.org.cn/foreign/txt/2019-02/28/content_74512160.htm

https://www.youtube.com/watch?v=ivQCFix0fx4

Ico kigendajuru kikaba carungitswe mu kirere kur’uyu wa gatatu isaha 23h 30 amasaha yo mu Rwanda no mu Burundi. Urwanda rukaba rwinjiye mu bihugu vya Afrika bimaze kurungika ibigendajuru mu kirere nka Kenya, Ghana, Nigeria na Maroc.

Abatavuga rumwe na Leta y’Urwanda bobo bakavuga ko leta y’Urwanda yarikwiye kandi kwitaho ikibazo c’inzara n’ubushomeri biri mu Rwanda aha bagatanga akarorero ku gihugu ca Namibia kiriko gishira cane amafaranga m’uburimyi n’ubworozi kugira abenegihugu bafungure bongere bashore hanze.

Mwomenya ko n’igihugu c’Uburundi c’uguruye kuruyu wa mbere ihinguriro riri hake muri Afrika rikora umwavu w’ikizungu nakavukire mu ntumbero yo kurwiza umwimbu no gushorera hanze.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply