Biriko biravugwa cane mu binyamakuru bitandukanye vyo mu gihugu c’Ubuganda ko igihugu c’Urwanda cagurishije ikibuga c’indege mu kugura ibidege vy’intambara biva mu bihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa.
Amakuru ashikira ibinyamakuru vyo mu buganda amenyesha ko Urwanda rwafashe ingingo yo kugurisha ikibuga mpuzamakungu ku gihugu ca Qatar(igihugu kizosigara gifisemwo ibice 70%, hama Urwanda narwo ibice 30% kuri ico kibuga ca Bugersera International Airport).
Ivyo binyamakuru bikamneysha ko uwo mugambi w’Urwanda ari uwo kugira ngo citegurire gutera igihugu c’Ubuganda hamwe n’ibindi bihugu bikibangamiye nk’Uburundi hamwe na Kongo.
SoftPower News ivuga ko leta ya Kigali kandi yagurishije indege y’igihugu ku ma miliyoni 180 y’amadolari ya Amerika kugira ishobore kugura ibidege vy’intambara bikomakomeye vyo kwirinda umwansi.
Bimwe mu bidege igihugu c’Urwanda caguze mu Burusiya ni ubwoko bw’indege za gisirikare zikomeye cane zitwa Mi-35(ifoto hepfo) na Mi-24 zikora akazi kadasanzwe mu bihe vy’intambara.
Bikaba bivugwa kandi ko kuva ibihugu c’Ubuganda n’Urwanda vyinjiye mu ruhagarara inyuma yo kwugara umupaka wa Katuna, ivyo bihugu vyompi vyaciye bitangura kwisuganya mu myimenyerezo ya gisirikare.
Urwanda ruheruka gukora imyimenyerezo ya gisirikare yo kwerekana ububasha bwarwo mu kurasa ibibombe na za burende aho amasanama yiyo myimenyerezo yamamajwe cane ku mbuga za internet.