NEWS

Igihugu c’Urwanda cagirizwa ‘guhisha ko gikenye’ nk’ibindi bihugu.

on

Mu cegeranyo caraye gishizwe ahabona n’ikinyamakuru c’Abongereza, Financial Times, hashirwa ahabona ko igihugu c’Urwanda ‘gihisha ko gikenye’ nk’ibindi bihugu vyo mu karere.

Ico cegeranyo ca Financial Times kivuga ko Urwanda rwagumye ‘ruhindagura rwongera runyegeza ibitigiri vy’ubutunzi bw’ico gihugu kugira ngo ntikiboneke ko gikenye mu makungu’.

Ibanki y’isi yose ubu iremera ko igihugu c’Urwanda gishitse ku ntambwe ishimishije mu kwiteza imbere, ariko ibinyamakuru vya Buraya vyama bikora amatohoza yitondewe bigasanga intwaro ya Paul Kagame yama ihisha ko abanyagihugu bayo bakenye.

Ikindi kinyamakuru c’Ubufaransa arico France24 naco nyene kimenyesha ko cakoze amatohoza yitondwewe mu mwaka wa 2015 gisanga ibiharuro bishirwa ahabona na leta ya Kagame atari ivy’ukuri ahubwo ko ari igihugu gikenye nk’ibindi.

Igihugu c’Urwanda kikaba camirira kure iyo nkuru yo kucambika ibara ya Finacial Times na France24.

Recommended for you