INTERNATIONAL NEWS

Igihugu c’Ubuyapani Kivuga Ko ‘Kitazobandanya Cihanganira’ Agasomborotso Ka Koreya ya Ruguru.

on

Ejo ku musi wa mungu mu masaha ya Koreya ya Ruguru,ico gihugu carasubiriye kugerageza iyindi missile ballistique,iyagenze ibilometero 450 maze igwa mu kiyaga no mu mazi y’Ubuyapani.

Inyuma y’iryo Geragezwa,Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani,Shinzo Abe, akaba yiyamirije yivuye inyuma iyo missile gutya: “Ntituzobandanya twihanganira agasomborotso ka Koreya ya Ruguru mu kubandanya kirenga ku masezerano mpuzamakungu ya ONU agenga ibirwanisho ruhonyanganda…tuzofata ingingo ruhasha turi kumwe na Leta Zunze Ubumwe Za Amerika kugira duhagarike Koreya ya Ruguru”.

Shinzo Abe:” Ntituzobandanya twihanganira Koreya ya Ruguru….tuzokorana na Leta Zunze Ubumwe Za Amerika Mu guhagarika ako gasomborotso”

Umushikiranganji w’Ubuyapani w’umutekano yamenyesheje ko iyo missile ‘ari iyiteye akaga cane ku ndege n’amato vy’Ubuyapani’.Ariko gushika ubu nta kiramenyekana ko cononekaye bivanye niyo missile yatewe mu mazi y’Ubuyapani.

Igihugu ca Koreya y’Epfo camenyesheje ko iyo missile yatewe na Koreya ya Ruguru,eka nuwujejwe akarere ka Pacifique wa USA akaba yemeje iyo nkuru.

Naho umukuru w’igihugu ca Koreya y’Epfo aheruka gutorwa yari yavuze ko azogerageza kugarukana imigenderanire myiza hagati ya Koreya ya Ruguru n’Iyepfo,biboneka ko bigiye kugorana na rirya Koreya ya Ruguru ibandanya umugambi wo kugerageza za Missiles

Koreya ya Ruguru ikaba iteye iyo missile mu gihe mundwi turangije Inama ya G7 igizwe n’ibihugu indwi bitunze cane mu vy’amahinguriro yemeje ko ‘bagiye gushira inguvu hamwe kugira bakinge akaga gashobora guterwa na Koreya ya Ruguru…kuko ivyo bibangamiye umutekano w’isi yose’.

Iyo nama ya G7 ikaba yari yitabwe na Shinzo Abe,Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani.Leta Zunze Ubumwe za Amerika zikaba ziherutse kurungika ubundi bwato bwintambara bugira gatatu mu mazinga ya Koreya kugira bitegurire ingaruka zishobora kuva kuri Koreya ya Ruguru…Aho ni mu gihe ico gihugu coco kivuga ko kiriko kirahingura missile ishobora kujana ikigwanisho ruhonyanganda gushika ku Butaka bwa Amerika.

Recommended for you