INTERNATIONAL NEWS

Igihugu c’Ubushinwa kiragirizwa Kuba Kiri Inyuma y’Ikurwa ku Butegetsi Bwa Robert Mugabe.

on

Umugambi wo gukura ku butegetsi Robert Mugabe wateguwe nuwaheruka gukurwa mu mabanga yo kuba icegera c’Umukuru w’igihugu, Emmerson Managagwa uwutazirwa “Le crocodile”( kw’ifoto ari kumwe na Xi Jinping, arongoye Ubushinwa).

Nkuko ikinyamakuru The Telegraph kibimenyesha, umu General w’igisirikare ca Zimbabwe ari inyuma y’itembagazwa rya Robert Mugabe, Constantino Chiwenga, yaheruka gukora urugendo mu gihugu c’Ubushinwa indwi imwe imbere yuko iryo hirikwa ry’ubutegetsi riba.

Naho Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bw’Ubushinwa bwamenyesheje ko urugendo rwa Constantino Chiwenga mu Bushinwa rwari “urusanzwe rukorwa”, abandi biyumviriye ko igihugu c’Ubushinwa cagize uruhara cane mu biriko biba muri Zimbabwe.

Uwahora ari icegera ca Robert Mugabe yari yakoze uko ashoboye mu kwinginga Ubushinwa ngo ico gihugu kizane imitahe yaco muri Zimbabwe hamwe no gukorana imigambi ya gisirikare hagati y’ivyo bihugu bibiri, niko The telegraph ibimenyesha. Ubushinwa nabwo bukaba bwaheruka kumenyesha ko bugiye gushira mu bikorwa muri Zimbabwe amafaranga angana imiliyaridi 4 z’Amadolari y’Abanyamerika mu migambi yo kwiteza imbere.

Mu kwishura kuri ivyo birego vy’uko Ubushinwa bwagize uruhara mw’ikomborwa rya Mugabe, ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bukaba butashimye kugira ico bubivuzeko cane. Kuvyerekeye iryo tembagazwa ry’ubutegetsi, Ubushinwa buvuga ko “ buriko bukurikiranira hafi uko ibintu biriko bigenda” muri Zimbabwe.

Recommended for you