NEWS

Igihugu c’Ubuganda cinjiranwe na Ebola

By

on

Ivyo bikaba vyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS kur’uyu wa kabiri. Umwana ava mu gihugu ca Congo w’imyaka itanu yarikumwe na nyina wiwe n’umuryango wiwe, bakaba baciye k’umupaka wahitwa Bwera, ubu bakaba bariko barahabwa imiti.

Iyo ngwara ya Ebola ikaba imaze gufata abantu barenga 2000 mu gihugu ca Republika iharanira Demokarasi yo muri Congo haraciye amezi cumi. Abashika 1 346 nabo baramaze guhitanwa niyo ngwara nkuko bimenyeshwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Congo.

Iyo ngwara ya Ebola ikaba imaze gutera mu gihugu ca Congo ubugira cumi kuva mu mwaka wa 1976. Iyo ngwara ikaba imaze guhitana abantu barenga ibihumbi 11 muri Afrika y’uburengero nka Libéria, Guinée, Sierra Leone mu mwaka w’i 2014.

Igihugu c’Uburundi naco nyene gihana urubibe n’igihugu ca Congo kirameze magabo, hakaba hari inkuru ziguma zica ku mbuga ngurukana bumenyi ko iyo ngwara yica ningoga yashitse m’Uburundi, ariko m’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bakaguma biyamiriza ayo makuru.

Recommended for you