Friday, December 2, 2022
HomeUbutunzi"Igihugu cambere gifise ubuzi ni igihugu c’uburundi " Perezida Ndayishimiye.

“Igihugu cambere gifise ubuzi ni igihugu c’uburundi ” Perezida Ndayishimiye.

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye avuga ko ubuzi bwiraye mu Burundi, Ariko akabona ko ingorane ari uko abantu benshi usanga bishakira ubuzi bwa Leta gusa. Ndayishimiye arongera akavuga ko igihugu ca mbere amaze kubona gifise ubuzi ari igihugu c’uburundi. Umukuru w’igihugu c’uburundi akamenyesha kandi ko mu myaka ibiri iheze muri wa mugambi wo guteza imbere urwaruka , hamaze kuboneka ubuzi burenga ibihumbi mirongo itanu.

Mu nama aheruka kugiranira n’abarongoye amashengero yemewe mu Burundi , Umukuru w’igihugu c’uburundi yaragarutse ku kibazo c’ubushomeri bwugarije urwaruka rwahejeje amashure. Kw’ico kibazo , Perezida Ndayishimiye ahamagarira abarundi muri rusangi kutaguma bahanze amaso ubuzi bwa Leta ahubwo bahangane no kwikorera ivyabo canke binjire mu mashirahamwe yo kwiteza imbere bakorere hamwe. Varisito Ndayishimiye ati :”Nasanze mu Burundi ubu muri iyi myaka ibiri , haramaze kuboneka ubuzi burenga ibihumbi mirongo itanu,…(…) igihugu ca mbere gifise ubuzi ni igihugu c’uburundi , ingorane twize yuko wize utegerezwa gukora muri Leta niyo ngorane ntimuronderere ahandi (…) jewe ndazi neza ko ubuzi bwuzuye. Jewe nagize poroje y’ibizinu ndiko ndafyina , wamenga ni ibisanzwe natanguriye ku migina itarenga 15 uno musi nasanze nkoresha abakozi ibihumbi 17″

Naho Perezida Ndayishimiye avuga ukwo, Urwaruka rumwe rumwe twaganiriye rwagerageje kwitunganiriza imigambi yarwo ariko biranka ko rubandanya ruvuga ko gukorera imigambi yo kwiteza imbere mu Burundi bishoboka mu majambo ariko mu bikorwa bikaba ibindi.”Nitwa Irakoze Jean-Berchmas ubu ndi mu gihugu ca Zambiya , imbere yuko nza mw’iki gihugu, I Bujumbura nari mfise ama Cafetariat umunani nakora akazi ko kudandaza amata y’ikivuguto . Kuva aho Leta ifatiye irya ngingo yo kubuza ingendeshwa zirimwo n’amakinga kudasubira gushika hagati mu gisagara ca Bujumbura, narahomvye bimwe bibabaje kuko ukwo amata yahora anshikira vyaciye bitangura kungora nemera gukoresha ubundi buhinga bwuko yoza anshikira avuye I Buringa niho nasanga ndiko ndahomba bidasanzwe mpitamwo kugurisha ibikoresho vyose nakoresha ndugara akazi maze niyizira ino zambiya ubu ndahagaze neza mu rudandazwa rwo muri butike nkora”

Uyu musore nawe aba muri Zone MUSAGA ati :”Jewe nikorera akazi ko gukora ibitumbura nkaca nja kubicuruza ku ma butike yose ari muri zone Musaga na Kinindo nkoresheje agakinga kanje ka Fuji ku musi narunguka bidasanzwe, ariko kuva aho Leta iburije abanyamakinga kwinjira hagati mu gisagara ndetse kuvaho Igiciro c’ifarine kidugirijwe cane , naciye mpagarika urwo rucuruzwa ubu ndiko ndaba ko noja iyo abandi bariko baraja gupagasa mu bindi bihugu ndabe ko haricot nokwimarira”

Kugira urwaruka co kimwe n’abandi barundi bitunganirize imigambi yo kwiteza imbere, Leta irasabwa gukuraho inzitizi zotuma bikorera imigambi bagatera imbere. Akorero, nko gukuraho amakori n’amatagisi ku bikoresho n’ibindi vyankenerwa vyoza bibafasha mu kwikorera iyo migambi gutyo bikareka kuzimba , Ikindi ikigo OBR coreka kubatoza amakori mu kiringo ca mbere gushika aho bonyene babonye ko batanguye kuronka inyungu , Ubushobozi bwo kugura mu gihugu kugira abikorere utwabo baronke abaguzi benshi.

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...