NEWS

Igihugu Ca RD Congo kirasaba kwinjira mu muryango wa EAC.

on

Igihugu ca Republbika iharanira Demokrasi ya Kongo kirasaba ko coshobora kwinjira mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko.

Ivyo vyabaye inyuma yah’umukuru wa RD Congo, Tshisekedi Felix  n’uw’Urwanada, Paul Kagame, babonaniye i Kinshassamur Kongo.

Mu gihe umukuru w’igihugu c’Urwanda ariwe ayoboye umuryango wa EAC muri iki gihe, igihugu ca Kongo carungikiye ikete Kagame kugira gisabe kugira cinjire mu muryango wa EAC.

Ayo makura akaba yaremejwe na Oliver Duhungirehe asanzwe ari umushikiranganji w’imigenderanire w’Urwanda n’ayandi makungu.

Ico gisabo ca RD Congo kikaba caciye kijanwa mu mu muryango wa EAC kugira cirwe n’abakuru b’ibihugu vyose vya EAC, nk’uko ikinyamakuru co mu Rwanda kibivuga.

Igihugu ca Sudani yo mu Bumanuko kikaba carasavye naco ko cinjira mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko maze kirahavura kiremererwa.

Uukuru w’igihugu ca Kongo akaba kandi yitezwe i Bujumbura mu rugendo rw’akazi aho aje kubonana n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza.

Ubu umuryango wa Afrika y’Ubuseruko ukaba ugizwe n’ibihugu bitandatu arivyo Uburundi, Rwanda, Kenya, Uganda, Tanzania na Sudani y’Epfo.

Recommended for you