NEWS

Igihugu ca Kenya coba kigiye gutwarwa n’abakuru b’igihugu babiri ?

By

on

Umukuru w’abatavuga rumwe na Reta ya Uhuru Kenyatta yirahije ko agiye kuba umukuru w’igihugu ca Kenya mu kibanza citiriwe Uhuru Park.Ikibanza ca Uhuru Park cari cuzuye abantu bagwize n’abanywanyi benshi ba Raila Odinga bari baje kumviriza ijambo ryiwe abashikiriza mu kurahira.

Amategeko yo mu gihugu ca Kenya afata umuntu akoze igikorwa nk’ico nk’uwahemukiye igihugu. Kubona Raila Odinga yihaye ububasha akarahira izuba riva mu gihugu gitwarwa n’umukuru w’igihugu azwi n’amategeko bifise insiguro nk’iki?

Icatumye abajejwe umutekano badafata abanywanyi ba Raila Odinga kandi vyari bibujijwe n’amategeko vyoba vyatumwe n’iki?
Abakwirikirana hafi poritike yo muri Kenya bamenyeshako Reta yafashe uyo mugambi wa Raila Odinga nk’ikintu gisanzwe cane ataco kivuze.

Muvyo yashikirije mw’ijambo ryiwe yamenyesheje ko abanyekenya barushe n’ibikorwa vyo kwiba amatora vyama vyabaye.Raila Odinga yavuze ati: “Uko kurahira kwanje n’intambwe idasanzwe mu gihugu kuko ije gushigikira intwaro rusangi ijanye y’ukuri mu gihugu cacu”.

Igiporisi nticigeze kidurumbanya ivyo birori vya Raila Odinga naho cari caratanganje ko kizozibira ico kibanza ntihagire abajayo.
Uhuru Kenyatta yarahiriye gutwara igihugu ca Kenya atsinze amatora ku ncuro ya kabiri,inyuma yifutwa ry’ivyavuye mu matora ya mbere yo mu kwezi kwa myandagaro 2017 yavuzwe ko yaranzwemwo ubusuma.

Sentare nkuru y’ico gihugu yagwije n’ubusa amatora yo ku ncuro ya mbere inyuma yaho Raila Odinga amenyesheje ko yaranzwe n’ubusuma.
Uwo atavugarumwe na Reta ya Kenya Raila Odinga yafashe ingingo yo kutitaba amatora y’incuro ya 2 abonye ko umurwi ujejwe gutunganya amatora murico gihugu udatunganijwe gushasha nk’uko yari yabisavye.

Amategeko ategekanya ko umuntu arahiye ko ari umukuru w’igihugu biciye kubiri n’amategeko afatwa nk’uwahemukiye igihugu agahinshwa igihano c’urupfu,nivyo vyoba birindiye Raila Odinga ?
Reka turindire ibizokurikira.

Recommended for you