NEWS

Igihugu ca Hollande Gisaba Leta y’Uburundi Kwemera Ibiganiro Bidakumira.

on

Umuserukizi adasanzwe w”igihugu ca Hollande, KATJA LASSEUR, mu rugendo rwiwe yaherukamwo mu Burundi, yamenyesheje ko naho umutekano uvugwa ko wagarutse mu Burundi, haracariho ingorane zitari nke mu Burundi.Iyo ntumwa ya Hollande yasavye abategetsi b’Uburundi kwemera kwicara ku meza imwe y’ibiganiro n’abatavuga rumwe na Leta bakurikiranwa n’Ubutungane kugira ikibazo c’Uburundi gitore inzira.

KATJA Lasseur, intumwa ya Hollande Mu Bihugu vy’akarere.

Mu kiganiro n’abanyamakuru caremeshejwe ku musi wa gatatu itariki 9 Myandagaro 2017 inyuma y’urugendo rwiwe rw’imisi itanu mu Burundi, KATJA LASSEUR yabonye ko ari vyiza ko ibiganiro bihuza abarundi vyobandanya bihagarariwe n’akarere. “Turabona ko umutekano warushirije kuba neza ugereranije no mu 2015.Ariko rero ntibisobanura ko ivyatuma izo ngorane zihaba kuva 2015 zaheze zikongera zigatorerwa umuti.Nibaza ko ari ivyingirakamaro gushira hamwe abanyepolitike bose begwa nikibazo c’Uburundi kugira hatorwe umuti w’ico kibazo.Biramaze kugaragara ko umuti w’ingorane z’Uburundi wotorerwa n’Umuhuza mu biganiro vy’Abarundi,Benjamin Mkapa”, niko KATJA Lasseur yamenyesheje.

Intumwa idasanzwe ya Hollande mu bihugu vy’ibiyaga binini yizeye ko ivyo biganiro bigiye kunyarutswa vuba.” Ndizeye ko ivyo biganiro bigiye kunyarutswa vuba.Nibaza ko abanyapolitike biteguriye kuganira hamwe no kwihweza ibibazo bihari kugira hategurwe neza amatora ya 2020″, niko Lasseur yamenyesheje.
Katja Lasseur akaba ahanura abategetsi b’Uburundi kwiga kurekurira abandi hama bakaja mu biganiro bidakumira.”Iracari intambwe y’ibiganiro.Naho hoba aba canke bariya bashaka kuterekwa ivyo biganiro,birashika mu ntambwe y’ibiganiro…harakenewe ibiganiro bidakumira”, niko Katja Lasseur yabandanije amenyesha.

Yaragarutse kandi ku kibazo c’uko abategetsi benshi bo mu biyaga binini bagerageza guhindura ibwirizwa shingiro kugira bigumize ku butegetsi ariko akavuga ko ivyo bitovyura intureka mu gihugu.

Recommended for you