Sunday, March 26, 2023
HomeInternational newsIgihugu ca CONGO kigiye kwakirwa muri EAC ariko mu bukene budasanzwe bw-amahera...

Igihugu ca CONGO kigiye kwakirwa muri EAC ariko mu bukene budasanzwe bw-amahera buri mw-uwo muryango.

Igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya congo kigiye kwakirwa mu muryango w-ibihugu vyo mu karere ka afrika y-ubuseruko inyuma yaho cemerewe muri Ruhuhuma uy-umwaka ko kigiye kwinjizwa mw-uwo muryango. East African Court of Justice |

Nk-uko tubisoma mu kinyamakuru THE EAST AFRICAN co mu gihugu ca Kenya,  n-uko kwinjiza ico gihugu ca Congo mu muryango wa EAC biza gusaba integuro y-amafaranga yandi aza kwiyongera kuyarasanzwe akoreshwa mw-uwo muryango.Inama nshingamateka yo mw-uwo muryango EALA  gushika ubu ihangayikishijwe n-uko integuro y-amafaranga yo mu mwaka w-2021 ushira uwa 2022 adahagije na gato kugira ngo ibashe kurangura imigambi yayo.

Kuwa  25 Rusama uw-umwaka, inama y-abashikiranganji bo mw-uwo muryango igira iya 40 yaremeje integuro y-amafaranga  igera ku 90.623,945 y-amadorari y-abanyamerika agiye kuzokoreshwa mu mwaka w-ubutunzi wa 2021 ushira uwa 2022. Nk-uko bitangazwa na  Ken Obura umukuru w-iyo nama y-abashikiranganji,  atangaza ko ayo mafaranga agiye gukoreshwa uy-umwaka w-2021 ushira uwa 2022 ari make cane ko bagerageje kworosha kugira ibikorwa vya EAC n-ibindi bigo vy-uwo muryango ntibihungabane.

Kubwa Denis Namara, umukuru wa komite y-inama nshingamateka yo mw-uwo muryango EALA yavuze ati ˸ˮ Mwibuke ko turi mu bikorwa bwo kwitegurira kwinjiza igihugu ca Congo kandi ko amafaranga Atari make azokoreshwa mukwinjiza ico gihugu mw-uw-umuryango. Turiko tushiraho ibindi bigo bishasha  ariko tukagabanya integuro y-amafaranga agiye gukoreshwa uy-umwaka ntabwo bizoshoboka‟.

Tubamenyeshe ko iyo nteguro y-amafaranga iheruko kwemezwa yagabanijweko imiriyoni ndwi z-amadorari y-abanyamerika ugereranije n-ayakoreshejwe mu mwaka urangiye wa 2020 ushira uwa 2021.

Uwo mushingamateka aturuka mu gihugu ca Uganda ari mu bagize urwego rwa EALA abandanya  avuga ko ibibazo vy-ubukene bw-amafaranga biri mu muryango wa EAC biriko  bituma ibikorwa vy-inzego zirimwo EALA,ndetse n-ibiro vy-ubunyamabanga bukuru bw-uwo muryango bishobora kutazokora ivyo vyiyemeje bitewe no kutagira amafaranga azokoreshwa uw-umwaka adakwiye . Ikindi ngo n-uko sentare yo mw-uwo muryango ifise gushika ubu ibirarane vy-imanza nyishi zitarakorwako bitumwe n-uburyo bukeyi urwo rwego rugenda rurahabwa.

 

Must Read