NEWS

Igihugu ca Algéria nico catwaye ikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru

By

on

Kur’uyu wa gatanu niho haba urukino rwanyuma rw’igikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru. Urwo rukino rukaba rwahuza igihugu ca Algérie n’igihugu ca Sénégal. Izo nkino zikaba zariko zibera mu gihugu ca Misiri. Abarundi bakaba benshi bari mu bubare abandi mu ngo zabo bariko barakurikina urwo rukino. Abarundi benshi bakaba bari bashigikiye umurwi wa Sénégal kuko ari abirabure nkabo.

Ariko vyaraboneka ko umurwi wa Algéria wari ukomeye cane n’abakinyi banyaruka cane kandi bakomeye. Igitsindo cambere c’igihugu ca Algéria cagiye kuboneka mu minota yambere ine. Umukinyi Baghdad Benoudjah akaba ariwe yacinjije.

Umurwi wa Sénégal ukaba waragerageje gutsinda igitsindo kugira banganye ariko ntivyari vyoroshe kuko umurwi wa Algéria wari wazibiye hose. Igihugu ca Algéria rero akaba ari ubwakabiri gitwaye ico gikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru. Igihugu ca Sénégal naco akaba ari ubwa kabiri gishika m’urukino rwanyuma rwa CAN ariko ntitware ico gikombe. Abanyagihugu ba Sénégal bakaba barashimiye umurwi wabo bakavuga ko bagerageje kuvyifatamwo neza.

Recommended for you