Umukuru w-igihugu Evariste Ndayishimiye yateye umukono kuri uwu wa 4 Ruheshi 2021 kw-itegeko ryemeza umuhisi petero Nkurunziza nk-imboneza yamaho.
Iryo tegeko ryemeza kandi ko igenekerezo rya 8 Ruheshi uko umwaka utashe azoba ari umusi igihugu cose kizirikana ugukunda igihugu. Ibirori bikazoba birongowe n-umukuru w-igihugu c-uburundi.
Mw-iryo tegeko riravuga ko ibizokorwa kubw-uwo musi bizomenyeshwa mw-itegeko ry-umukuru w-igihugu bita decret. Tubamenyeshe ko iryo terwa ry-umukono kw-iryo tegeko ryo kwemeza Umuhisi Nkurunziza nk-imboneza yamaho mu gukundisha igihugu ribaye mu gihe hasigaye imisi 4 gusa ngo umwaka ukwire uwahoze ari umukuru w-igihugu c-uburundi Petero Nkurunziza ashengeye.
Kubatavuga rumwe n-ubutegetsi bwa CNDD-FDD bobo bavuga ko ari igitusi kikomeye n-agasuzuguru ku miryango yaburiye ababo mu butegetsi bw-umukazo bwa Petero Nkurunziza.