Sunday, March 26, 2023
HomePoliticsIgihugu c-uburundi ubu kiramutswa imboneza yamaho.

Igihugu c-uburundi ubu kiramutswa imboneza yamaho.

Umukuru w-igihugu Evariste Ndayishimiye yateye umukono kuri uwu wa 4 Ruheshi 2021  kw-itegeko ryemeza umuhisi petero Nkurunziza nk-imboneza yamaho.Burundi President Pierre Nkurunziza Dies at 55

Iryo tegeko ryemeza kandi ko igenekerezo rya 8 Ruheshi  uko umwaka utashe azoba ari umusi igihugu cose kizirikana ugukunda igihugu. Ibirori bikazoba birongowe n-umukuru w-igihugu c-uburundi.

Mw-iryo tegeko riravuga  ko ibizokorwa kubw-uwo musi bizomenyeshwa mw-itegeko ry-umukuru w-igihugu bita decret. Tubamenyeshe ko iryo terwa ry-umukono kw-iryo tegeko ryo kwemeza Umuhisi Nkurunziza nk-imboneza yamaho mu gukundisha igihugu ribaye mu gihe hasigaye imisi 4 gusa ngo umwaka ukwire uwahoze ari umukuru w-igihugu c-uburundi Petero Nkurunziza ashengeye.

Kubatavuga rumwe n-ubutegetsi bwa CNDD-FDD bobo bavuga ko ari igitusi kikomeye n-agasuzuguru ku miryango yaburiye ababo mu butegetsi bw-umukazo bwa Petero Nkurunziza.

Must Read