Kuva mu masaha ya sakumi z-ubucagucagu bwo kuri uyu wa kabiri, Umucanwa mwinshi watanguye kwibonekeza mu vyumba vy-uburaro vy-abapfungwa. Ico gihe abanyororo bari bakiryamye.
Nkuko tubikesha iradiyo y-abongereza BBC, Kuva mw-ako kanya umuriro utanguye kwibonekeza haciye hatangura gushika abajejwe umutekano bagizwe n-abapolisi hamwe n-abasirikare kugira barabe ko bozimya uwo mucanwa. Ibiduga bijejwe kuzimya umuriro vyahavuye bishika bisanga ivyononekaye vyamaze kwononekara.
Amakuru atangwa na bamwe mu banyororo ariko ataremezwa n-abajejwe intwaro avuga ko hari abanyororo bahapfiriye hamwe n-abandi bakomeretse. Amakuru ataramenyekana neza yemeza ko uwo mucanwa woba watewe n-ibibazo vy-umuyagankuba bita «court-circuit» mu rurimi rw-igifaransa.