Thursday, March 30, 2023
HomeUbutunziIfaranga ry’uburundi ribandanya rita agaciro uko bukeye uko bwije.

Ifaranga ry’uburundi ribandanya rita agaciro uko bukeye uko bwije.

Amazu yo kuvunja ammafaranga mvamakungu amaze imisi ashira ahabona ibiciro vy’ayo mafaranga ukwo avunjwa. Ikihaye kiboneka nuko ifaranga ry’uburundi ririko rita agaciro ku rugero rwo hejuru.

Ukwo vyari vyifashe kuri uyu wa 7 Ruhuhuma 2023 muri amwe mu mazu yo kuvunja ari mu gisagara ca Bujumbura:
Muri Triumph Forex, idorare rimwe ry’abanyamerika ryavunjwa 3.620 ku wuje azanye amadorare, ryavunjwa 3.670 kuwuje azanye amarundi. Euro rimwe ry’abanyaburaya ryavunjwa 3850 ku wuje azanye ama Euros, rikavunjwa amarundi 3.920 kuwuje azanye amarundi.
Muri Forex, Idorare rimwe ry’abanyamerika ryavunjwa 3650. Ku wuje azanye amadorare ryavunjwa 3680 ku wuje azanye amarundi. Euro rimwe ry’abanyaburaya ryavunjwa 3.850 ku wuje azanye amarundi rikavunjwa amarundi 3920 ku wuje azanye amarundi.

Kubw’abize ivy’ubutunzi, babona ko ivyo biharuro vyerekana ko ifaranga ry’uburundi ribandanya rita agaciro. Bakavuga ko iyo ifaranga ritaye agaciro, bisigura ko ubushobozi bw’abarundi bwo kugura buba bugabanutse. Ibiza bituma ibiciro vy’ibintu biza bikomeza kuduga mu masoko ni mugihe amafaranga umurundi afise aguma ari yayandi .

Must Read