Ibicishije ku rubuga rwa Twitter rwayo, Ibanki nkuru y’igihugu BRB yatangaje kuri uyu wa kabiri iduzwa ry’ibiciro rigeze ku bice 28,6%. Abahinga muvy’ubutunzi basigura ko iduzwa ry’ibiciro rigeze ku rugero igihugu c’uburundi kitari bwigere gishikako kuva mu mwaka wa 1997 igihe uburundi bwari muri “embargo ” y’ubutunzi. bakabona ko bafise ubwoba n’amakenga ko uyu mwaka wa 2023 ushobora kurangira ivyo biharuro bigeze ku rugero ruteye ubwoba cane hamwe atocokorwa vyihutirwa.
” height=”400″ class=”alignnone size-full wp-image-40458″ />
Kuva mu mwaka wa 1997 aho ingaruka zijanye n’ibihano vya “embargo”igihugu c’uburundi carimwo, ico gihugu nticari bwigere gishika ku rugero rw’iduga ry’ibiciro nk’urwo kiriko ubu. Nkuko tubisanga ku rubuga ngurukanabumenyi rw’ibanki nkuru y’igihugu, BRB yerekanye kuri uyu wa kabiri ko iduga ry’ibiciro rigeze kuri 28,6% umuntu agereranije ibiciro vyariko mu kwezi kwa Nzero mu 2022 hamwe n’ibiciro vyo muri Nzero 2023. Nkuko ibanki nkuru y’igihugu ibandanya ibimenyesha, yisunze ibiharuro vy’ikigo kijejwe gukora amatohoza ku butunzi, iryo duga ry’ibiciro ryaribonekeje cane ku bifungurwa eka ndetse no kubindi bidandazwa bitari biribwa.
Ku bijanye n’ibiribwa aho ico kibazo cagaragaye cane, ibiciro vyaduze cane cane ku bifungurwa vyankenerwa nk’ibiharage, ibigori, umuceri, ifu y’imyumbati , amafi hamwe no ku mavuta yo guteka Atari amamesa. Ku bijanye n’ibidandazwa bitari ivyo kurya, ibiciro ngo vyaduze ahanini ku gitoro no ku bindi bikoreshwa nkaco vyongera biduga ku bijanye n’uburaro tutibagiye ibijanye n’amazi n’umuyagankuba.
Abahinga muvy’ubutunzi babona ko ico kibazo c’iduga ry’ibiciro ku rugero rutari bwakaboneke gifitaniye isani rinini n’uko haheze imyaka ifaranga ry’uburundi riguma rita agaciro , ibiciro vy’igitoro vyaduze kw’isoko mpuzamakungu , amafaranga yo kwiyunguruza abandanya aba umurengera hamwe rero n’uko umwimbu w’ibiterwa mbumba rugowagiye uraganuka. Abo bahinga bakamenyesha ko batewe ubwoba n’uko ibiciro vy’ibidandazwa nka vyose vyari bimaze imyaka 25 bitibonekeza bishobora kubandanya biduga bigashika ku rugero ruteye ubwoba mu gihugu hamwe Leta ataco yokora cihutirwa kugira ikemure ico kibazo gihanze abarundi.