NEWS

Icuka si ciza hagati y’Imbonerakure n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Kaminuza y’Uburundi

By

on

Impapuro zidateye umukono zatowe muri Kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga. Izo mpapuro zikaba zigabisha abatavuga rumwe n’ubutegetsi baba muri ico kigo. Bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko umutekano w’abanyeshure bose wokwubahirizwa ku rugero rumwe.

Abanyeshure bavuganye n’ikinyamakuru UBM News bavuga ko izo nzandiko ari iterabwoba ririko rikorwa n’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, ku batavuga rumwe n’ubutegetsi biga kuri iyo Kaminuza.

Izo nzandiko zari zanditseko amajambo akurikira :

BATANGATANGE TUBASHIRE KU MURONGO

Ibipinga muri benshi hano muri Kaminuza y’Uburundi, ariko n’uburo barabusya. TWaragifashe ntiturekura. Tuzobashira ku murongo mukinda mugaramye, kandi mwaraye muvyiboneye. Uwudashaka kuja ku murongo nta kibanza afise ngaha. Amajigo twaraye twaraye tuyahongoye, n’amabwena turayagabishije. Uwuhagarariwe n’ingwe aravoma.

HONGORINJAVYI.

Abajejwe umutekano muri Kaminuza y’Uburundi ntaco barashikiriza kuri izo nzandiko zatowe.

Recommended for you