Monday, May 29, 2023
HomePoliticsIcohagarika umutima abarundi yoba CENI apana ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu

Icohagarika umutima abarundi yoba CENI apana ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu

ruf-4

Umushingwamanza Isidore Rufyikiri aheruka kumenyesha ko azokwitiza ku giti ciwe mu kibanza c’Umukuru w’igihugu muri ano matora ariko arategurwa. Mu kiganiro aheruka guha abamenyeshamakuru yamenyesheje ko ubu atari umwanya wo kwibaza cane ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu kuko kwoba ari ugusamara.

Abariko baritegurira amatora abasaba ahubwo kuvira hasi rimwe ngo biyamirize umurwi utegura amatora CENI kuko uko wagiyeho atariko vyategerezwa kugenda, ngo abari ku butegetsi n’abatavuga rumwe na Leta ntibumvikanye ku bazoja muri uwo murwi  ahubwo abatavuga rumwe na leta bararushijwe inguvu.

Nkuko amakuru abandanya abivuga ngo uwo murwi utahavuye umukuru w’igihugu ashobora kutitoza hakitoza uwuzomukingira mu mafuti yakoreye abarundi, eka ngo uwuzoba avuye muri CNDD FDD atanzwe na Nkurunziza ashobora kuzokorerwa nkivyo bokoreye Umukuru w’igihugu c’Uburundi mu gihe yokwitoza.

Must Read