Thursday, December 1, 2022
HomeNewsIco Abakoroni badusigiye ni ihinguriro ry'ibinyobwa vya BRARUDI gusa (Perezida Ndayishimiye)

Ico Abakoroni badusigiye ni ihinguriro ry’ibinyobwa vya BRARUDI gusa (Perezida Ndayishimiye)

Mu gihe kuri uyu wa gatanu ariho abarundi bahimbaza imyaka 60 ihaciye uburundi buronse intahe yo kwikukira, Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu c’uburundi  yamenyeshe abitavye ibirori ko ivyo igihugu gifise ubu ari ivyo ciyubakiye.Image

Perezida Varisito Ndayishimiye yagize ati :«Ubukoroni butaraza, abadagi batarashika mu Burundi, Abarundi baracura amasuka, ariko bamaze gushika ntawasubiye gukora isuka gushika n’uy’umusi» Arongerako ati :«Ngo ico uburundi bwatoranye , ni ikintu kimwe:Ihinguriro ry’ibinyobwa rya BRARUDI. Niryo ragi twasigaranywe».Perezida Ndayishimiye akongera akamenyesha ko ata n’inzu abategetsi b’igihugu bakoreramwo yubatswe mu gihe c’ubukoroni ko n’inzu umukuru w’igihugu akoreramwo ubu ari abarundi bayiyubakiye ko ndetse hariko hubakwa inzu ba buramatari n’abamusitanteri  bazokoreramwo.«ntihagire uwibaza ko ibi abona vyubatswe n’abakoloni.» Niko Perezida Varisito Ndayishimiye abandanya amenyesha.

Uwo arongoye uburundi akaba yasavye abarundi ko boshima muri bike bamaze kurangura. Ko niyo bashira inguvu hamwe vyose bazobishikako atagisivya.

 

Must Read