NEWS

Icinyegeje Inyuma y’Indogoba Zanswe Na Leta y’Uburundi.

on

Umugambi wo gutanga indogoba biciye kw’ishirahamwe “OGENA-Burundi” ryafashijwe n’Ubufaransa watumye Leta y’Ubrundi igiranira migenderanire mibi na leta y’Ubufaransa. Mw’ikete umushikiranganji w’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA yandikiye musitanteri wa komine Nyarusange mu ntara ya Gitega, yamenyesheje ko izo ndogoba zatanzwe ‘hatisunzwe amategeko n’ubuhinga bijanye mu gutanga ibitungwa bivuye hanze’.

Ariko rero, biboneka ko hari impamvu yinaka yatumye haba ukwo kutabona ibintu kumwe hagati y’uwuserukira Ubufaransa mu Burundi, Laurent Delahausse na leta y’Uburundi. Abashigikiye Leta y’Uburundi babona ko ‘ivyo ari igitutsi ku Burundi’.

Laurent Delahausse akaba wewe yishuye kuri ivyo birego ko ‘ku bwiwe amategeko yakurikijwe kuri ukwo gutangwa kw’izo ndogobwa’. Mu makuru duskesha Ikinyamakuru Europe1, havuga hati: “Uwuserukira Ubufaransa mu Burundi, Laurent Delahausse ariko arishura kw’itangazo ry’Ubufaransa riheruka kwiyamiriza ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro mu Burundi hamwe n’imigenderanire ya hafi iheruka kuba hagati y’Urwanda n’ubufaransa”.

Haragarukwa ku rugendo Paul Kagame arongoye Urwanda, igihugu gisanzwe kidacana uwaka na Leta y’Uburundi, aheruka gukora mu Bufaransa maze bikaba biboneka ko bitaguye neza Leta y’i Bujumbura kuri iyo ‘migenderanire ya hafi’ hagati ya Leta y’Ubufaransa n’iy’Urwanda.

Ikinyamakuru Eyurope1 kimenyesha ko ‘abanyagihugu n’ishirahamwe bari bafashijwe muri uwo mugambi ko aribo bahabonera’ bitumwe n’uko iciswe “umugambi muto(micro-projet) wagizwe uwa politike”.

Tubibutse ko uwo mugambi nk’uwo wigezwe gukorwa mu Ntara ya Ruyigi biciye ku mfashanyo y’igihugu c’Ububiligi ariko ukaba utigeze uhura n’ingorane n’imwe, nk’uko Ikinyamakuru Daily Mail kibishira ahabona.

Recommended for you