Thursday, June 8, 2023
HomeNewsICG ivuga ko Tshisekedi yikwegeye ingorane mu gutumako ibisirikare vy'ibihugu bibanyi kuza...

ICG ivuga ko Tshisekedi yikwegeye ingorane mu gutumako ibisirikare vy’ibihugu bibanyi kuza kurwanya imirwi irwanira muri Congo.

Umukuru w’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Félix Tshisekedi ngo ashobora kuba yarikwegeye akarambaraye mugutumira ibisirikare vy’ibihugu bibanyi harimwo n’uburundi kurwanya imirwi yafashe ibirwanisho iri ku butaka bw’igihugu ciwe. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe International Crisis Group (ICG) mu cegeranyo caryo co kuri uyu wa 25 Rusama 2022. ICG ihanura Perezida Tshisekedi gushiraho umugambi rusangi w’ibiganiro hamwe n’iyo mirwi irwana.Image

Ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi yo kurekurira ku mugaragaro ingabo za Ouganda ko zinjira kurwanira mu gihugu ciwe muri Munyonyo mu mwaka uheze wa 2021 hamwe n’iyo kurekurira mu mpisho inyuma y’ukwezi ingabo z’uburundi kuza guhangana n’umurwi urwanya Leta y’uburundi, RED-TABARA ishobora gukwega intambamyi zitari nke kuri ico gihugu gisanzwe kibangamiwe n’indyane  hagati y’ibihugu bigize  akarere. Ivyo ni bimwe muvyashikirijwe n’ishirahamwe International Crisis Group mu cegeranyo caryo co kuwa 25 Rusama 2022, aho iryo shirahamwe ribona ko umukuru w’igihugu ca Congo asa nuwatumiriye ibisirikare vy’ibihugu bibanyi kuja kurwanira mu gihugu arongoye. ICG ivuga ko ukwo kwinjira kw’abasirikare b’abarundi muri Congo kwoba kwafunditswe biciye mu masezerano yibijanye n’ivya gisirikare Tshisekedi na Ndayishimiye boba bagiraniye mu mpisho muri Mukakaro 2021.

Muri ico cegeranyo nyene, International Crisis Group imenyesha ko abanyagihugu bo mu karere ka Uvira yo mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko bashikirije ko hari ingabo zababa 400 z’abarundi hamwe n’imbonerakure zoba zarinjiye mw’ico gihugu  mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama 2021. ICG ivuga kandi ko bitewe n’ukwifadikanya hagati y’imirwi irwana y’abarundi n’iyo mw’ico gihugu ca Congo , igisirikare c’uburundi coba kimaze kuhaburira abasirikare benshi cane. Yamara rero, Nkuko iryo shirahamwe ribandanya ribivuga , uburundi bwagumye buhakana ko hari ingabo zabwo ziriko zirarwanira muri Congo , ico gihugu naco ngo gihitamwo kwihorera kubijanye n’ico kibazo.

Muri ico cegeranyo kandi, ICG rivuga ko ritashimishijwe kandi ryongera ritangazwa nuko inama iheruka kubera  i Nairobi mu gihugu ca Kenya hari mu kwezi kwa Ndamukiza , yahaye agaciro cane ibiganiro hagati y’imirwi irwana y’abakongomani kurusha iy’abanyamahanga. Ariko iryo shirahamwe rikavuga ko hatangujwe ibiganiro bidafashe kandi na gihutihuti hamwe n’abarongoye imirwi irwana igera kuri 18 , ibiganiro bititabiriwe n’imirwi ikomakomeye y’abakongomani hamwe n’iy’abanyamahanga nka ADF, RED-TABARA hamwe na FDLR.

ICG ibona ko igihugu ca Kenya categerezwa guhimiriza Perezida Tshisekedi agatunganya umugambi rusangi abifashijwe n’ishirahamwe ONU, ushobora gutuma utwo twigoro twari twatangujwe duhindura intumbero.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...