NEWS

Icegeranyo C’Inama Y’Umutekano Ya ONU Yasohoye Ku Burundi.

on

Inama y’Umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yavuze ko ibabajwe n’uko ivya Politike vyifashe nabi mu Burundi harimwo n’iyongerekana ry’ibitigiri vy’impunzi zihunga hamwe n’inkuru zo gusinzikarizwa ubuzima, ukunyuruzwa hama abantu bakaburirwa irengero ryabo, hamwe n’Ubwicanyi butagira izina.

Muri iyo raporo y’Inama Nkuru y’Umutekano ya ONU, Iyo Nama Iravuga ko ifise umugambi wo gufatira ingingo abo bose bafise uruhara mw’ayo mabi haba aba mu gihugu canke ababa hanze y’Uburundi, abo iyo Nama Nkuru y’Umutekano ya ONU yavuze ko babangamiye amahoro n’Umutekano vy’Uburundi.

Muri iyo raporo y’Inama y’Umutekano ya ONU, iri Shirahamwe Mpuzamakungu risaba Leta y’Uburundi hamwe n’abo bose bafise uruhara mu bijanye n’ikibazo c’Uburundi guhagarika vyihuta ivyo bikorwa v’akajagari mu gihugu.

Amr Abdellatif Abulatta, uwuhagarariye Inama y’Umutekano ya ONU uku kwezi kwa Myandagaro.

Muri iyo raporo yasomwe na Amr Abdellatif Abulatta, umunya Misri ahagarariye Inama y’umutekano ya ONU uku kwezi kwa Myandagaro, yavuze ko Inama y’Umutekano wa ONU irajwe ishinga n’uko agateka ka zina muntu mu Burundi kabandanya gatituka aho impunzi 200 000 babaye abimukira hagati mu gihugu,mu gihe abanyagihugu barenga imiliyoni zitatu bari mu nkenero idasanzwe, hamwe nabarenga 400 000 batse indaro mu bindi bihugu bibanyi.

Inama Y’Umutekano ya ONU irashimira ibihugu vyakiriye impunzi mu kigoro kavyo, na cane cane ibihugu vy’akarere mu kwubahiriza inshingano zabo mpuzamakungu mu kwitaho uburenganzira bw’impunzi hamwe no kwiyemeza ko bahunguka ku bushake bwabo gushika iyo baje bava arbo bahisemwo bivanye n’amakuru y’umutekano uhari hamwe n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu.

Ku rundi ruhande, Inama y’umutekano ya ONU ikaba yiyamirije yivuye inyuma amatangazo y’urwanko avugwa ku mugaragaro, ayaza ahimiriza kwanka abanyagihugu, harimwo ukubahamagarira kubatera inda abakenyezi n’abigeme. Iyo Nama y’Umutekano ya ONU ikaba yasavye impande zose zegwa n’ikibazoc’Uburundi guhagarika vyihuta bidatebaganye akajagari hamwe no kwiyamiriza imvugo ziranga urwanko.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.