NEWS

Icegera c’uwurongoye umurwi wogutunganya amatora i Bururi arafunzwe

By

on

Uwo nawe akaba yitwa Jacqueline Ntakarutimana akaba yahagaritswe kur’uyu wambere. Akaba afungiwe mu gasho ka police ku murwa mukuru w’intara ya Bururi. Ababibonye bavuga ko Jacqueline Ntakarutimana yafashwe ari muhira iwe aho nyene ku murwa mukuru.

Ariko mu gipolisi bakavuga ko yahagaritswe muri dossiye y’umuntu yapfuye mugabo ivyo bikaba bibeshuzwa nabo basangiye umugambwe CNL urongowe na Rwasa Agathon. Abo nabo bakavuga ko ahorwa kuba ari mur’uwo mugambwe.

Abo banywanyi b’umugambwe CNL bakavuga ko umugambwe uri k’ubutegetsi udashaka ko abanywanyi b’umugambwe CNL babona ibikorwa vy’umurwi ujejwe gutegura amatora CENI. Mu gipolisi bobo bakavuga ko yahagaritswe mu matohoza y’umumtu yapfuye mw’ijoro ryo kuwagatanu indwi iheze.

Mwomenya ko ingoro y’umugambwe CNL yo mu Rugari muri Komine Muyinga yuguruwe itariki zitatu z’uku kwezi kwa munyonyo yasambuwe mw’ijoro ryo kur’uyu wa mbere n’abantu bataramenyekana.

Recommended for you