NEWS

Icegera c’umukuru wa FFB arafunzwe yagirizwa kunyuruza agashirukabute k’abakinyi.

on

Icegera c’umukuru wa FFB Burundi arafunzwe yagirizwa kunyuruza agashirukabute k’abakinyi b’Intamba mu Rugamba baheruka gukinira mu nkino z’igikombe cca Afrika mu Misiri.

Iyo nkuru ikaba yatangajwe n’Iradiyo y’Abongereza BBC. Uyo afunzwe akaba ari Habimana Aimable yafunganywe hamwe n’abandi bakozi bandi ba FFB mu matohoza ku mahera y’agashirukabaute y’intamba mu rugamba yanyurujwe.

Nk’uko vyavuzwe na BBC, Habimana Aimable uzwi ku rindi zina nka Marandura, afunzwe guhera ku wa Gatandatu, aho ariko akorwaho iperereza kw’ibura ry’ayo mafaranga y’gashirukabaute ku bakinyi  bagiye mu Misiri mu gikombe ca Afrika.

BBC ikongera ikavuga kandi ko ayo mafaranga y’agashirukabute atashirikiriye bose mu bakinyi, nk’uko FFB ibishira ahabona.

BBC yabwiwe ko Habimana Aimable ari mu bategetsi bari bajejwe gutanaga ayo mafaranga ku bakinyi.

Mwomenya ko Uburundi nabwo bwatashe uko buva mu Misiri ata n’igitsindo na kimwe butsinze maze busezera amahiganwa gutyo.

Recommended for you