Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsBreaking News : Umuririmvyi T Max yagize impanuka mugabo Imana irakinga aracari...

Breaking News : Umuririmvyi T Max yagize impanuka mugabo Imana irakinga aracari muzima

Uno musi mugitondo Umuririmvyi RICHARDS FRANCIS NAMWATA TIMOTHEO benshi batazira T Max yagize isanganya n’imodoka yiwe ,yari kuri Rond point igabura amabarabara aja mu Cibitoke- Ngagara na Kamenge , akaba yagonze harya hagati imodoka ikaguma izungagurika .

Kumakuru twaronkejwe na bamwe babonye uko vyagenze batumenyesheje yuko iyosanganya Imana yonyene niyo yakinze kuko neza neza T Max yari kuba yasezeye isi , kuko nkuko biboneka kumodoka yarimwo nivyari vyoroshe ngo ahave ari muzima.

Imana yakinze nkuko yabitubwiye Dj Pro yahavuye agenda kumuraba kw’ivuriro y’abasoda ( Hopital militaire ) . Ubu n’imitende amaze kuva mubitaro ari imuhira iwe kuva isaha cumi n’imwe n’iminota 23 . Mugabo imodoka yiwe ikaba ifunzwe kumvo z’amatohoza .

Mwomenya yuko iyosanganya yabereye kuri rond point y’ibarabara ija mu Ngagara -Cibitoke ,iyindi ija mu Kamenge .


Tukaba dushaka kumenyesha yuko hari ikinyamakuru cari canditse yuko iyosanganya yabereye hafi y’ibitaro Karori (Prince Regent Charles ) ,sivyo namba .


Abo ni bamwe bashoboye gushika mubitaro aho yariko arakurikiranwa n’abaganga , yahamaze amasaha 18 kugira bamuhe uruhusha rwogutaha iwe mu Kibenga.

Sources : Afrifame

Must Read