NEWS

Icatumye Abanonotsi ‘bakwamira’ ku kibuga c’indege i Lagos muri Nigeria.

on

Abanonotsi bari bagiye mu gihugu ca Nigeria mu mikino yo kunonora imitsi, harimwo n’Abarundi nka ba Francine Niyonsaba, barakwamiye ku kibiga c’indege ku murwa mukuru wa Nigeria ariwo Lagos maze bamara amasaha atari make bari ku kibuga c’indege batagira iyo baja.

Ikinyamakuru Sahara Reporters kimenyesha ko vyatumwe n’urutonde rubi canke gupanga ibintu nabi kwakozwe na Comite ijejwe kwakira abo banonotsi( Local Organising Committee (LOC)). Iyo comite ikaba itatunganije ivyuko abakirwa barishe amatike yabo kuri internet bihura neza n’umukinyi uwo ariwe wese ava mu gihugu kanaka canke abaserukira abo banonotsi.

Ico kinyamakuru kibandanya cerekana ko naho abo banonotsi hamwe n’ababaserukira bari barishe amatike yabo biciye kuri internet, ukwo kuriha ntikwakurikije amategeko ya leta ya Nigeria.

Abanonotsi(Athletes) bava mu Burundi, Kenya, Uganda, Afrika y’Epfo, Benin, Guinea, Burkina Faso, Egypte, Sudani y’epfo, Botswana, Namibia, Zambia, Zimbabwe, Cameroon, Morocco, na Rwanda nibo bari bakwamiye ku kibuga c’indege i Lagos muri Nigeria.

Recommended for you