NEWS

Icaha cahora cagirizwa Gén Adolphe cashizwe kuri Alexis SINDUHIJE

on

Umusore mu giporisi c’Uburundi berekanye ko ari mu bishikanye ku nzego z’umutekano yiyemerera ko ari mu bateguye bongera bashira mu ngiro umugambi w’ukugandaguye Ababikira batatu b’abatariyanokazi bo kuri Paruwasi Guido Maria Conforti yo mu Kamenge. Uwo musore nyene yemeza ko ari mubaturiye imangazini y’Abashinwa T2000, aho hose akaba yasiguye igituma babikoze.

Uwo munyagihugu amenyesha ko yitwa KWIZERA Clovis batazina Désiré, akavuga ko yishikanye ku nzego z’umutekano, kandi akemera ko ari mubagandaguye Ababikira Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79, hamwe na Lucia Pulici w’imyaka 75.

biba

Nk’uko abishikiriza, yagirije Alexis SINDUHIJE ko ariwe yateguye vyose, afashijwe na bamwe mu bari mu nzego z’umutekano w’Uburundi. Avuga ko babikoze kugira bambike iceyi ubutegetsi bw’Uburundi, ico gikorwa akavuga ko bari bagihawe ari bane. Nk’uko abishikiriza, bakoze amanama ane mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.
KWIZERA Clovis batazira Désiré yiyemerera ko ubwiwe ariwe yishe umubikira Olga Raschietti.

« Barya babikira nibo batwara imiti i Kiliba Ondes ahantu hari imbonerakure za CNDD FDD ziriko zirigira imyimenyerezo ya gisirikare. », KWIZERA Clovis batazina Désiré akavuga ko amanama bayateguye bavuye mu Rwanda.

voy

Uwo munyagihugu avuga kandi ko ari mubaturiye imangazine y’Abashinwa T2000, akavuga ko ababikoze bari bane nyene, n’aho nyene agasigura imvo bahawe kugira baturire iyo mangazine, babitumwe na Alexis SINDUHIJE umukuru w’umugambwe MSD, umwe mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

ales

N’aho nyene, uwo munyagihugu arasigura igituma batumwe guturira iyo mangazine : « Abashinwa bafasha cane ubutegetsi, kandi n’inkoho nyinshi z’igisirikare c’Uburundi cane cane izikoreshwa n’igiporisi BAE (Brigade Anti Emeute) kirongowe na Désiré UWAMAHORO ziva mu Bushinwa. », akavuga kandi ko babwiwe ko Abashinwa aribo bakoresha imyimenyerezo Imbonerakure za CNDD FDD muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Mu matohoza yari yakozwe n’insamirizi RPA, izina ry’umuhisi Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahoze arongoye urwego rw’igendereza ry’Uburundi ryaragarutse kenshi mu bateguye bongera bashira mu ngiro ubwo bwicanyi, ariko hakaba habonetse uwundi munyagihugu ashira mu majwi izina rya Alexis SINDUHIJE mu bateguye bongera bashira mu ngiro ubwo bwicanyi.

ado

Hagati aho, igiporisi c’Uburundi carafashe mu mwaka w’2014 umunyagihugu afise uburwayi bwo mu mutwe azwi kw’izina rya Christian Claude Butoyi w’imyaka 33 y’amavuka, akagirizwa n’igiporisi c’Uburundi ko ariwe yagandaguye abanje gushurashuza Ababikira batatu b’abatariyano bakorera kuri paruwasi Guido Maria CONFORTI yo muri komine Kamenge. Nk’uko mu giporisi bavuga, uwo Christian Butoyi yasiguye ko yagandaguye abo babikira kubera yari abanyamahanga bakorera mw’itongo ry’abavyeyi biwe, ariko mu nyuma abavyeyi biwe bakaba bamenyesheje ko ata tongo bigeze bagira mu Kamenge.

buto

Abaharanira agateka ka zina muntu, ababanyi biwe, hamwe n’abavyeyi biwe bagumye bamenyesha ko uwo Christian Claude Butoyi arwaye mu mutwe, bagasaba ko yorekurwa, abagandaguye Ababikira batatu b’Abatariyanokazi bakarondererwa ahandi.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.