NEWS

Ibomborabombora mu mugambwe UPRONA.

on

Inyuma y’aho umugambwe wegereye ubutegetsi cane bw’i Bujumbura, ariwo Abadasigana UPRONA, ufatiye ingingo yo kubogoza mu mabanga uwahora atwara uwo mugambwe, Abel gashatsi, hatanguye kwibonekeza ukutabona ibintu kumwe hamwe n’ibomborabombora muri uyo mugmabwe.

Abari basinye kuri urwo rwandiko ni umushingamateka Gloriose Nimenya, umukenguzamateka A. Niyongabo, Concilie Nibigira (yahoze atwara uwo mugambwe UPRONA) ,n’uwahoze ari umushikiranganji Therence Nkezabahizi.

Jean Marie Niragira, umwe mu basinye ku rwandiko rwo kwirukana Abel gashatsi, wo mu ntara ya Cibitoki muri uyo mugambwe nawe yaciye yamburwa amabanga yiwe.

Muvyo Abel Gashatsi yagirizwa harimwo ugutunaganya nabi no gusesagura amatungo y’uwo mugambwe.

Abel gashatsi akaba yagirizwa ukugurisha bidaciye kudaciye mu muco ikibanza ca UPRONA kiri muri zone Kamenge hampande y’isoko, Comine Ntahangwa, hamwe no kunyuruza ubutunzi n’ibindi.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.