Umurwi w’abasirikare bajejwe gutabara bo muri batayo ya 64 ya ATMIS imaze imisi ivuye mu gihugu ca Somaliya barashikanye mw’iy’indwi twaraye dusozereye ibiziga 11 vy’abasirikare baguye mu gihugu ca Congo n’abandi barenga cumi bakomeretse .Abo basirikare b’uburundi bari mu ntambara ziriko zibera mubuseruko bwa congo mu ntara ya Kivu y’ubumanuko y’ubumanuko aho bavuga ko batanye mu mitwe n’abarwanyi b’umuhari FNL urongowe na Aloys Nzabampema mu bice vya Nahombi biri mw’ishamba rya Itombwe.
Abo basirikare bo muri batayo ya 64 ya ATMIS bakaba bashitse mu gicugu co kuri uyu wa gatanu gishira kuri uyu wa gatandatu mw’ikambi ya Gatumba bavuye mu gihugu ca Congo . Bakaba bahamaze umwanya muto cane baca babandaniriza mw’ikambi ya DCA Passive iri muri zone ya Rukaramu bita Rwantanamo.
Amakuru dukesha Iradiyo Inzamba Agateka Kawe, isanzwe ikorera ku buhinga ngurukanabumenyi, amenyesha ko ibiziga vy’abasirikare barenga cumi bari bazanye vyaciye vyakirwaa mu buruhukiro bwa gisirikare buri muri DCA Passive bita Rwantanamo , ubwo buruhukiro bukaba bugizwe n’amakontenere agizwe n’ivyuma bikanyisha yashizwe aho i Rwantanamo n’abasirikare bo mu gihugu ca Nepal n’abasirikare bo mu gihugu ca Afrika y’Epfo bahoze bari mu rwego rwa ONUB.
Abasirikare bakomeretse bakaba baciye bajanwa mu bitaro bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura harimwo n’ibitaro vya gisirikare vyo mu Kamenge, nkuko amasoko mu gisirikare abandanya avyemeza.
Abo basirikare bakaba baguye mu ntara ya Kivu y’ubumanuko ahitwa Itombwe zatanguye ku musi wa Kabiri . Izo ntambara zikaba zihuza abasirikare b’uburundi barikumwe n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD hamwe n’abasirikare ba Congo, FARDC bakaba batana mu mitwe n’umuhari FNL wa Aloys Nzabampema.
Mw’itangazo ryashizwe ahabona ku mbuga ngurukanabumenyi , Umuhari FNL uvuga ko watanyee mu mitwe n’abo basirikare maze ubaka inkoho yomu bwoko bwa “mitrailleuse”hamwe n’inkoho zishika zitanu zo mu bwoko bwa “Kalachnikov A47” n’amasase yazo.