NEWS

Ibiziga bibiri bivuye mu Rwanda vyatowe mu Burundi

By

on

Ibiziga bibiri vy’abagabo nivyo vyatowe bireremba ku kiyaga Rweru, ku ruhande rw’Uburundi, mu ntara ya Kirundo. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko ivyo biziga vyaje biva mu gihugu c’Urwanda, bishika mu Burundi biciye ku ruzi Akagera rwo mu gihugu c’Urwanda.

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko ivyo biziga bibiri vy’abagabo vyatowe mu minsi itandukanye, ica mbere kuri uwu wa mbere, ica kabiri naco kuri uwu wa gatatu.

Nk’uko mu giporisi c’Uburundi babandanya babimenyesha, ivyo biziga vyari bifise ibikomere, bikaboneka ko abo bagabo bishwe, mu nyuma batabwa mu ruzi Akagera rwisuka mu kiyaga Rweru mu Burundi.

Abajejwe intwaro hafi y’ikiyaga Rweru bavuga ko ata murundi yaburiwe irengero muri ako karere.

Tubibutse ko ivyo biziga bisubiriye gutorwa mu gihe mu kwezi kw’indwi umwaka w’2014, abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru baguma babona ibiziga bireremba kuri ico kiyaga, kenshi bikaba biboshe. Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bamenyesha ko ata miryango irababwira ko yabuze ababo, amatohoza akaba yamaze gutangura.

Ivyo biziga vyatorwa ku kiyaga Rweru gihana urubibe n’igihugu c’Urwanda biboneka bitekewe mu tumwanya, ibindi bikaboneka biboshe, hamwe n’ibindi biba vyambuwe impuzu, nk’uko abarovyi bakorera kuri ico kiyaga Rweru babimenyesheje. Kuva muri ukwo kwezi kw’indwi 2014, ibiziga birenga 40 akaba arivyo vyabonetse, ivya nyuma bibiri bikaba vyari bigizwe n’umugore atari yambaye, hamwe n’umugabo atekeye mu kamwanya.

Recommended for you