Tue. Jan 21st, 2020

Ibivugwa Vyose Kuri Major Marius Gahomera Aheruka Kugenwa Aje Guhagararira Amahoro Muri Somalia.

Major Marius Gahomera

Major Marius Gahomera aheruka kugenwa kugira azoyobore bataillon ya 44 yabasoda b’Uburundi baja muri Somalia kubungabunga amahora AMISOM. Akaba yagenywe itariki 21 za Ruheshi 2017, akaba azoja mwayo mabanga kuva mu kwezi kwa Mukakaro 2017.

Nkuko bamwe hirya no hino bagiye barabivuga, uyo Major Marius Gahomera aragirizwa gukora amabi mu Burundi, kandi akaba yari yarashizwe no ku rutonde na Parquet y’Ubutungane bw’Uburundi kugira asuzumwe ku mabi amuvugwako.

Mu gihe ubu arongoye bataillon ya 221 mu ntara ya Ruyigi, yari yatumweko mu baza gufasha mu myaka ibiri iheze mu karere ka mbere ka gisirikare, muri Zone Mujejuru muri Commune ya Mugongomanga mu ntara ya Bujumbura aho yagirizwa kuba yarakozwe amabi menshi. Isoko ry’iyi nkuru rikaba rimenyesha ko yayoboye abasoda barasa ku bariko bakora imyiyerekano mu 2015 biyamiriza ikindi kiringo ca Pierre Nkurunziza I Mukike na Mayuyu mu ntara ya Bujumbura, aho abantu indwi bishwe.

Bamwe na Bamwe batanguye kwiyamiriza igenwa rya Major Marius Gahomera ku mbuga ngurukana bumenyi

Ubucamanza bw’Uburundi bwari bwatanguye gukora amatohoza kuri ivyo vyose bimuvugwako, maze Procureur General, Valentin Bagorikunda, yari yasavye ko Major Marius Gahomera ko yohagarikwa, hamwe n’umukuru w’Igipolisi wo mwijenda. Ariko ico gisabo ca Procureur general kikaba cabaye akamizwe n’ingoma gushika nubu.

Imiryango y’ababuze ababo muri ivyo bihe hamwe n’ababuranira agateka ka zina muntu bakaba basaba ko Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ritokwakira uyo musirikare muri Somalia, hama bakanka ko ayo mabanga ayahabwa, ahubwo agahanwa hakurikijwe ubutungane. Ubutungane bw’Uburundi ntaco buravuga kuri iryo genwa.

Ivyo biri uko mu gihe bamwe nabandi bariko bavuga vyinshi kuri iryo genwa ryiwe aho abadashigikiye iryo genwa babona ko ari nkuko Leta y”uburundi ‘iriko ishimira uyo musoda’. Ibinyamakuru bitari bike, nka Inner City Press( ikinyamakuru gikora amatohoza yitondewe ava muri ONU) ,biramaze gushirako inkuru zuyo Marius Gahomera, maze bisaba ko yokwiyamirizwa mwayo mabanga.