NEWS

Ibisagara vya Gitega na Muyinga navyo nyene vyafasheshe ingingo z’umutekano

By

on

Inyuma yaho umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, afatiye ingingo z’umutekano zibuza ububare gukora inyuma y’isaha zitatu zijoro, baburamatari b’intara za Gitega na Muyinga nabo nyene bafashe ingingo zisa nizo zo kugara ububare igihe c’isaha zitatu.

Abagendera mur’ubwo bubare bakibaza igituma izo ngingo z’umutekano ziriko zirafatwa kandi atarusase bariko barumva. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura wewe yavuze ko ari kumvo z’ubutunzi ko abantu batomara umwanya munini mu kabare bonona ubutunzi bw’umuryango. Ivyi bikaba bitorohereza abafise ububare basanzwe batanga amakori n’ubuzi.

Izo ngingo zikaba zifashwe kuva habaye igitero c’abitwaje ibigwanisho, igitero cabereye i Mabayi, abasirikare bashika 9 bakaba barahasize ubuzima n’abandi barakomereka.

Recommended for you