NEWS

Ibiro Vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko ‘Nkurunziza atazokwitoza mu kindi kiringo’..

on

Naho hakiri impari ku majambo yamenyeshejwe na Pirerre Nkurunziza ko atazokwitoza mu mwaka wa 2020, ibiro vy’umukru w’igihugu vyemeje ayo majambo ko ari ukuri: ‘Pierre Nkurunziza ntazokwitoza kuyobora Uburundi ikindi kiringo mu mwaka wa 2020’.

Mu kiganiro umuvugizi w’umukuru w’igihugu yahaye Radio isanganiro, Jean Claude Karerwa Ndenzako yaratanze umuco. “Igihe umukuru w’igihugu yarangiza isekeza ryo kwitoza mu mwaka wa 2015, yarusubiyemwo arashimika ko ari ikiringo ciwe ca nyuma. Ijambo ryo ku wa 7 Ruheshi 2018 i Bugendana mu ntara ya Gitega, igihe yashikiriza ibwirizwa shingiro rishasha, ryaje kugira rishimike kuri uyo muhango wa Pierre Nkuruziza[wa 2015] wo kurangiza ikiringo ciwe mu mwaka wa 2020“, niko Jean Claude Karerwa yamenyesheje kuri Radio Isanganiro.

Jean Claude Karerwa yarashimitse ku vy’uko Umukuru w’igihugu yiyemeje yivuye inyuma ari gushigikira ‘umukuru w’igihugu mushasha azotorwa mu mwaka wa 2020’.

Karerwa akaba kandi yamenyesheje ko naho abanyamugambwe CNDD-FDD bosaba Pierre Nkurunziza mu nama kaminuza ko yokwitoza mu matora ya 2020, atovyemera, ahubwo ko “kumbure ico yokora ari ugufasha mu kurondera uwundi amusubirira mushasha“.

Recommended for you