NEWS

Ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu vyugaye burundu mu Burundi.

on

Mw’itangazo ryashizwe ahabona uyu musi wa mbere itariki 4 Ntwarante 2019, Ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu(Office du Haut Commissariat des Nations Unies aux Droits de l’Homme au Burundi) vyugaye burundu mu Burundi ku wa 28 Ruhuhuma 2019.

Iyo nyishu ije inyuma y’aho Leta y’Uburundi isabiye ivyo biro gukinjira bikava mu gihugu c’Uburundi mu rwandiko rwo ku wa 5 Kigarama 2018.

Leta y’Uburundi ikaba yari yasavye ivyo biro vya ONU guhagarika ibikorwa vyayo mu Burundi mu mwaka wa 2016, nk’uko urwandiko rwashizwe ahabona na Nations Unis Burundi ruvyerekana.

Uburundi bukaba busanzwe bwagiriza ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi gutanaga ivyegeranyo birimwo amakosa maze bigahabwa ONU maze bigakorerwako mu kubandanya basugereza Uburundi ko buhonyanaga agateka ka zina muntu.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.