Sunday, January 29, 2023
HomeNewsIbiro vy-umukuru w-igihugu biriyamiriza ingendo yaharawe yo kubesha Perezida Ndayishimiye.

Ibiro vy-umukuru w-igihugu biriyamiriza ingendo yaharawe yo kubesha Perezida Ndayishimiye.

Mw-itangazo ryasohowe kuri uyu wa 8 Nzero 2022 n-ibiro vy-umukuru w-igihugu, rimenyesha ko inyifato itabereye  yiharaje yo kubesha umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye mu ngendo yiwe yo kwegera n-ukuganiriza abarundi ihagarare.Hon Evelyne Butoyi (@ButoyiEvelyne) / Twitter

Iryo tangazo rikaba ryasohotse inyuma yaho bigaragariye ko hari abantu baza kubesha hamwe no kuremeka inkono ishushe inzego za Leta mu maso y-umukuru w-igihugu. Ivyo biro bikamenyesha ko ibivurwa vyose bironkerwa akaryo ko kwirwa, bigatohozwa neza maze abagiriwe n-amakosa bagahanwa.

Tubibutse ko ivyo bishitse ata misi yarihaciye hari umugabo yitwa Minani Martin Jacques Souleyman yerekanywe n-igipolisi ko yarungikiye ubutumwa umukuru w-igihugu c-uburundi bwuzuyemwo ikinyoma ndetse bukanacafuza umwe mu bakozi b-urwego rw-iperereza yitwa Boase aho umugore wiwe yashaka ko bahukana niko guca kw-uwo Minani ngo yandikire perezida Ndayishimiye ko Boase yamwivye amafaranga angana 1.500.000 Fbu

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....