NEWS

‘Ibinyamakuru vyigenga bikwiye gukumirwa mu 2020’, niko umwe muri CENI avuga.

on

Umukozi umwe akora muri wa murwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi kandi wigenga, CENI, ariwe Jean Anastase Hicuburundi, yamenyesheje ku wa 8 Rusama 2019  ko ibinyamakuru vyigenga bikwiye gukumirwa mu matora ya 2020.

Ivyo Hicuburundi akaba yabimenyesheje asigura ko ibinyamkuru vyigenga arivyo nkwezi y’amabi yose yavutse mu mwaka wa 2015.

Inkuru yatohojwe neza na AFP ikamenyesha ko uwo Jean Anastase Hicuburundi yivugiye ayo majambo.

“Barakoze ibishoboka vyose kugira ngo badurumbanye igihugu…Mwarabonye ivyabaye mu mwaka wa 2015. Ni ibinyamakuru vyigenga vyahawe ama misiyo maze biza guteza akajagari mu gihugu”, niko uwo mukozi wa CENI yavuze.

Jean Anastase Hicuburundi yamenyesheje ko ibinyamakuru bitaza bijana na leta ko bikwiye kudahabwa ijambo na gato.

“Ivyo binyamakauru vyigenga birakwiye gukumirwa cane kubera ko bitajana n’ibikorwa leta ikora”, niko Hicuburundi abandanya avuga.

Mwomenya ko umurwi ujejwe gutegura amatora CENI wigenga kandi ko wategerezwa gutuma Abarundi bose bumva bisanze.

Abihweza ibintu n’ibindi bakaba bariko bamenyesha ko iyo yoba ari umugambi wa CENI wo kuzotunganya amatora ya 2020 nk’uko ishaka atawuriko ayitera igitsure.

Recommended for you