NEWS

Ibintu biriko birahinduka muri politique yo mu gihugu ca Congo

By

on

Inyuma y’imyaka hafi itatu umunyepolitique Moise Katumbi atavuga rumwe na président Joseph Kabila ahunze igihugu ciwe yemerewe gutahuka kur’uyu wa mbere. Abanyagihugu benshi bakaba bagiye kumutegera mu gisagara ca Lubumbashi aho yarasanzwe arangurira ibikorwa vyiwe vya poritike n’ubudandaji. Martin Fayulu yaracuditse na Moise Katumbi nawe akaba yahaye ikaze mugenzi we Moise Katumbi barikumwe muvyiyumviro vya politike.

Moise Katumbi akaba yari yagiye hamwe na Martin Fayuku muco bise urunani Lamuka mu matora yabaye mu kwezi kwa mbere 2019 aho Felix Tshisekedi yatsinda ayo matora. Felix Tshisekedi akaba nawe nyene yari mu batavuga rumwe na Leta m’urunani yise Cach, uwahoze nawe arongoye RDC président Joseph Kabila yashinze urunani FCC.

Uwahoze nawe avugira leta ya Congo ku ntwaro ya Joseph Kabila, Lambert Mende yarahagaritswe kur’uyu wa gatandatu yagirizwa kutariha abacukuzi ba diamand zigwiriye aho muri Congo. Lambert Mende akavuga ko abapolice bamukubaguye bamufata nabi ‘’nk’umuntu adandaza inkoko’’. Abadandaza inkoko nabo bakaba batashimishijwe niyo mvugo ya Lambert Mende.

Recommended for you