Thursday, June 8, 2023
HomeNewsIbikorwa vyo kugarukana amahoro n-umutekano muri Somaliya bizorangirana n-umwaka w'2021.

Ibikorwa vyo kugarukana amahoro n-umutekano muri Somaliya bizorangirana n-umwaka w’2021.

Mu nama yabaye hagati y-intumwa z-umurwi wo kubungabunga amahoro n-umutekano mw-ishirahamwe ry-ubumwe bwa afrika hamwe n-abategetsi b-igihugu ca Somaliya, hemejwe ko inteko z-abasirikare bari  mu butumwa bwa AMISOM zigiye kuvanwa mw-ico gihugu bitarenze mu mpera z- uy-umwaka w-2021.Somali National forces and AMISOM troops capture Harbole Town -African  Union - Peace and Security Department

Mw-itangazo ryasohowe n-umurwi wo kubungabunga amahoro n-umutekano mu muryango w-ubumwe bwa Afrika, hemejwe ukungene AMISOM yosubirizwa inyuma yo kurangiza ikiringo cayo mu kwezi kwa kigarama uy-umwaka turimwo. Ikindi cizwe mw-iyo nama, vyarabonetse ko hagikenewe mu gihugu ca Somaliya inguvu z-abasirikare bava mu bindi bihugu mu gufasha ko abasirikare hamwe n-izindi nzego zo mw-ico gihugu ca Somaliya zoshobora ubwazo kwicungerera umutekano.

Twobamenyesha ko AMISOM yatangujwe n-umuryango w-ubumwe bwa Afrika mu mwaka w-2007. Ikaba irimwo abasirikare bakomoka mu bihugu bitandukanye vya Afrika harimwo n-igihugu c-uburundi. Uburundi bukaba bufiseyo inteko zirenga gato ibihumbi bine.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...