NEWS

Ibikoresho vya gisirikare bitandukanye vyafashwe ku Musaga ku rugo rw’uwahoze mugisikare

By

on

Imyambaro ya gisirikare itandukanye hamwe n’inkoho yo mu bwoko bwa kalashnikov na pistolet n’amasasu y’izo nkoho nivyo vyatowe mu gitondo co kur’uyu wa gatatu muri karitiye Gasekebuye k’urugo rw’uwahoze ari mu gisirikare ari kuri garade ya colonel yitwa Dushimagize Dieudonne batazira Gangi.

Nkuko bimenyeshwa na Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, uwo yahoze mu gisirikare akaba ubu afungiwe mw’ibohero rya mpimba yagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi mu mwaka w’i 2015. Pierre Nkurikiye akamenyesha ko muriryo saka, abantu 10 baciwe bafatwa muriyo karitiye ya Gasekebuye iri muri zone Musaga bagirizwa kuba badatunze ikaye iranga ababa mu ngo batuyemwo.

Mwomenya ko amazu menshi y’abahoze mu gisirikare c’Uburundi bagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi yafashwe n’ubutungane nkuko umushikiranganji w’ubutungane yari yabimenyesheje ko abagize uruhara mu migumuko yo mu 2015 n’abashatse guhirika ubutegetsi bazoriha ivyononekaye.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.