INTERNATIONAL NEWS

Ibihugu Vy’Uburusiya Na Leta Zunze Ubumwe Za Amerika Bishobora Gutana Mu Mitwe Muri Syria.

By

on

Mu gihe ejo ku musi wa mungu igisoda ca leta Zunze Ubumwe za Amerika cakoroye indege ya gisirikare y’igihugu ca Syria, igihugu c’Uburusiya gisanzwe gicuditse hamwe n’intwaro ya Bashar Al Assad, umukuru w’igihugu ca Syria cashavujwe niyo ngendo ya Amerika. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya bwamenyesheje kuri uyu musi wa mbere itariki 19 Ruheshi 2017 ko guhera uyu musi ko ‘ikintu cose kizoba kiriko kigurukja gica mu burere bukorerwamwo n’uburusiya muri Syria kizofatwa ko cabavogereye maze gice kiraswa’.

Kuri uyu musi wa mbere, Ubushiranganji bwo kwivuna abansi bw’uburusiya bwaciye busohora iri tangazo : « Mu burere bwo gutabara bukorerwamwo n’Uburusiya buri hakurya y’Uruzi Euphrates, ikintu cose kizoba kiguruka mu karere ingabo z’Uburusiya zikoreramwo harimwo na za ndege zitagira abadereva( drones) z’Urunani rushigikiwe na Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, kizofatwa ko arico kuraswa ».

Iyo ngingo ifashwe inyuma yaho Amerika ikororeye indege y’ingwano ya Syria mu karere ka Raqqa gakorerwamwo n’Uburusiya. Ku bw’Uburusiya, ico gitero kikaba cahonyanze ubwigenge bwa Syria « mu buryo bw’agahomerabunwa » ; maze Uburusiya bukabona ico gitero caraye gikozwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika ko ari « agasomborotso ka gisirikare ». Uburusiya kandi bukamenyesha ko ‘hatabaye uguhanahana amakuru ku mbuga za gisirikare ziri mu gihugu ca Qatar hamwe nizo mu gihugu ca Syria’.

Kubera ko Uburusiya bubona ko Amerika yarenzeko nibigirankana ku mategeko agenga ukugarukana amahoro yanditse mu rwandiko basinyiraniye, Uburusiya bwaciye buhagarika ugukorana na Leta Zunze Ubumwe Za Amerika ukwo arikwo kwose mu gihugu ca Syria.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’uburusiya buramenyesha kandi ko Amerika ‘yimonogoje’ mu kurenga ku mategeko mpuzamakungu, kandi ko ico gitero cerekana ko Amerika ifasha ba gaterabwoba.Iyo ndege yakorowe yariko ikora ibitero ku mugwi w’iterabwoba Etat islamique, maze umushoferi wiyo ndege amaze kubona ko indege yiwe yatumberejweko igisasu yaciye ayivamwo maze akorokera mu karere kagenzurwa na Etat Islamique, maze gushika ubu akaba atazwi irengero ryiwe.

Ivyo bihugu bibiri rero vya Rutura kwisi bishobora gucanamwo mu gihe bitosubiza inyuma ishavu, maze ugasanga indege z’Uburusiya n’iza Amerika ziriko zirasana mu karere ka Syria maze abanyagihugu ataco bazira bakahasiga ubuzima, ni mu gihe iyo ntambara ya Syria imaze imyaka itandatu kuva mu mwaka wa 2011.

Recommended for you