NEWS

Ibihugu vy’Uburundi na Sudani y’Epfo Bigumizwaho ibihano.

on

Ibihugu vya Leta Zunze Ubumwe Za Amerika n’Ubudagi vyamenyesheje ko bizogumizaho ibihano vyafatiwe Uburundi na Sudani y’Epfo kandi ko bitazokwigera bifasha mu ngendo z’intumwa za leta y’Uburundi mu manama y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, gushika intwaro ya Demokrasi igarutse.

Nk’uko tubikesha ikinyamakuru The East African, leta y’Uburundi na ya Sudani y’Epfo zasabwe kumenya ingendo z’intumwa zazo mu nama yabaye mu misi iheze gushika habaye intwaro yorohereza bose, inyuma y’aho Amerika n’Ubudagi bankiye gufasha.

Ico kinyamakuru cerekana ko Umunyamabanga wa EAC, Liberat Mpfumukeko yagize uko ashoboye kwose arandikira ikete igihugu c’Ubudagi kugira gihagarike iyo ngingo, ariko ko igihugu c’Ubudagi canse kuva kw’ijambo. Igihugu c’Ubudagi kikaba cemeye gufasha gusa abatazoba barungitswe n’ayo ma leta uko ari abiri.

Inyuma y’aho ibihugu bihurikiye mu muryango w’ubumwe bwa Buraya bihagarikiye kwitaho ibihugu vy’Uburundi na Sudani y’Epfo( cane cane USA), ivyo bihugu uko ari bibiri birahanzwe cane n’ingorane z’ubutunzi. Sudani y’Epfo ikaba iherutsee kwemererwa kwinjira mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.

Recommended for you