NEWS

Ibihugu vy’Akarere bigiye kuja hamwe ngo bituze imirwi y’Abarwanyi muri Kongo

on

Ibihugu vy’Akarere bigiye kuja hamwe ngo bituze imirwi y’Abarwanyi muri Kongo. Ingabo za Kongo , iz’Uburundi, iz’Urwanda hamwe n’izu Bugande na Tanzania zigiye gukorera hamwe kugira ngo zirandurane n’imizi imitwe y’abarwanyi ivugwa mu buserumo bwa Kongo.

Nk’uko BBC ibishira ahabona, abahagarariye ingabo za Kongo, Burundi, Rwanda, Tanzania na Uganda kuwa kane no kuwa gatanu bahuriye i Goma baganira ku kurandurana n’imizi imitwe yitwaje ibigwanisho mu Buseruko bwa Congo.

Ivyo biri uko mu gihe umukuru wa Kongo, Felix Tshisekedi yamenyesheje ko agiye gukora ibishoboka cane kugira ngo imirwi y’inyeshamba zirwanira mu buseruko bwa Kongo ituzwe.

Iyo mirwi irwana ikaba keshi iharanira kunyaga ubutuzni buri muri ako karere, ubutare n’ibindi.

Iyo mirwi igiye gutuzwa(naho bamwe bamwe bakeka ko bizoshikwako) ni ADF irwanya ubutegetsi bwa Uganda. Red-Tabara, Forebu, FNL irwanya ubutegetsi bw’u Burundi. FDLR, RUD-urunana, FLN irwanya ubw’u Rwanda.

Hakaba n’uyundi mutwe w’barwanyi ugisibije mu buseruko bwa Kongo wa ‘aba Mai-Mai utwarwa na Yakutumba aho wama wasasitse inganda mu ntara ya Sud Kivu na za Uvira.

Ariko rero, Léon Richard Kasonga umuvugizi w’ingabo FARDC za Congo yabwiye abanyamakuru kuwa gatanu ko muri ubwo bufatanye ingabo z’amahanga zitazoza ku butaka bwa Kongo.

“Mumenye ko iyo mitwe ijabuka imipaka ikora ibibi. Tuzofatanya kubakurikiranira ku mipaka, ivyo ntibisobanura ko duhamagaye ingabo ngo zize ku butaka bwa Congo”, niko yabwiye abamenyeshamakuru.

Recommended for you