INTERNATIONAL NEWS

Ibihugu vya USA, UK n’Ubufaransa Bigiye Kuja Hamwe mu mpari n’Ubushinwa.

on

Inyuma y’aho igihugu c’Ubushinwa kigaragaje ko gishobora kwiganzira amazinga ari mu nyaza y’ubumanuko bw’Uushinwa, ayasanzwe aharirirwako n’ibindi bihugu vyo muri Aziya yo mu buseruko bushira ubumanuko, mu gushira ibigwanisho bikomakomeye muri ayo mazinga, ibihugu vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubufaransa n’Ubwongereza bigiye kuja hamwe kugira bihangane n’igihugu c’Ubushinwa muri izo mpari z’ayo mazinga.

USA ikaba yamenyesheje ubwa mbwere biciye ku mushikiranganji wo kwivuna abansi, James Mattis, ko ‘Ubushinwa buriko butera ubwoba ibihugu bisangiye izo mpari muri ayo mazinga mu gushiraho ibigwansiho vyo mu rwego rwo hejuru’ muri ayo mazinga. Ubushinwa nabwo niko guca bumenyesha ko bufise uburenganzira bwo gushira ibigwansiho mu mazinga abwegukira.

Mu nyuma, igihugu ca Amerika caheruka kurungika amato y’intambara akomeye muri ayo mazinga Ubushinwa buvuga ko ayegukira. Ivyo navyo bikaba vyarashavuje cane Ubushinwa.

Ukwo guterana amajambo hagati y’Ibihugu bibiri vya rutura kwatumye ejo ku musi wa mungu, ibindi bihugu bibiri Ubwongereza n’Ubufaransa bimenyesha ko bigiye kwifatanya na Amerika mu kurungika amato y’intamabra mu karere k’inyanza y’Ubushinwa yo mu Bumanko.

Mu makuru ikinyamakuru South China Morning Post imenyesha, abashikiranganji babiri bo kwivuna abansi b’Ubufaransa(Florence Parly) n’Ubwongereza(Gavin Williamson ) babivugiye mu nama y’umutekano iriko ibera muri Singapore, aho n’igihugu c’Ubushinwa kiri muri iyo nama. Bakaba bamenyeheje ko ‘ubwigenge bwo gusoza ubwato bw’intamabara mu nyaza y’Ubumanuko bw’Ubushinwa bwemewqe mu makungu, ko Ubushinwa butokwiganzira ayo mazinga’.

Uwuserukira Ubushinwa muri iyo nama nawe kandi akaba atahishije ko ‘mu gihe amategeko mpuzamakungu yohonyangwa mu bijanye n’Ubushinwa ko bitazokwemerwa’. Ubwongereza, Ubufaransa na Amerika biragaragara ko bigiye kuja hamwe muri izo mpari n’Ubushinwa, ibishobora kuvamwo intamara ikomeye ishobora gutandukira ibindi bihugu kwisi yose.

Recommended for you