INTERNATIONAL NEWS

Ibihugu Vya USA Na Koreya Ya Ruguru Bibandanya Kwitegurira Gutana Mu Mitwe.

on


Imyiteguro yo ku rwego rwo hejuru ku bw’intambara hagati y’ibihugu vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Koreya ya Ruguru iriko ikorwa ku rwego rwo hejuru cane. Mu gihe benshi babona ko intambara ya gatatu y’isi yose iri ku muryango, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zozo zibandanya zibona ko Koreya ya Ruguru itoshobora guhangana na USA. Ariko kandi ibihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa biriko vyihwereza hafi uko ibintu bigenda.

Igihugu ca Amerika kiriko kirungika ibigwanisho vyo kurandura mu karere ka Koreya, nka za ndege (US B-2 Bombers) zitwara ibigwanisho ruhonyanganda, ibitari bwajanwe mwako karere, twovuga ubwato butatu bufise ibigwanisho ruhonyanganda(USS Carl Vinson, USS Michigan na USS Ronald Reagan(kw’ifoto hepfo)) bwa Amerika bw’intambara bunatwara indege z’intambara buriko bukora imyimenyerezo yagisirikare mw’izinga rya korea.

Mu gihe hitezwe cane urugendo rwa Donald Trump mu karere ka Aziya guhera ku matari 7 Munyonyo 2017, ibintu biguma bikomera cane hagati ya kim Jong Un na Donald Trump. Koreya ya Ruguru iheruka kumenyesha ko yimirije kurasa ikibombe co mu bwoko bwa Hydrogene kizogwa mu kiyaga Pacifique, ivyo Amerika ivuga ko itazemera, mbere ko yiteguriye kugikorora. Koreya ya Ruguru kandi yarakoze mu ndwi iheze imyimenyerezo mu gihugu cose aho umuyagankuba waciwe igihugu cose mu buryo bwo kwitegurira ibitero vy’indege zo mu kirere za Amerika kugira uburere burimwo abanyagihugu ntibubonwe n’indege zo mukirere za Amerika.

Abihweza ibintu n’ibindi babona ko ari nka hamwe Koreya ya Ruguru yotera ico ki missile co mu bwoko bwa Hydrogwene muri pacifique(igisanzwe kirusha ububsaha kure niyo ca kibombe c’ubumara bwa atome caterwa ku bisagara vya Hiroshima na Nagasaki mu 1945), vyoba bibaye imbarutso y’intambara ya gatatu y’isi yose, kubera ko Amerika yoca ibona ko isa niyatewe.

Abihweza ibintu n’ibindi baramaze kubona uko intambara yohabva igenda : Uburusiya bwokwerekana ko ataho buhagaze arioko bufasha Koreya ya Ruguru biciye ku kurungika ibigwanisho mu Bushinwa. Ubushinwa bwobwo buramaze kumenysha ko’ buzorokora mugenzi wabo’ Koreya ya Ruguru mu gihe gusa Amerika yotangura gutera koreya ya Ruguru. Iyo ntambara yoba ikomeye cane kuburyo yoba iy’ibigwanisho ruhonyanganda, ku buryo mbere n’ibihugu bihurikiye muri OTAN, vyinshi vy’i Buraya yo mu Burengero vyoshigikira Amerika.

Ariko rero mu gihe intamabra yokwaduka, abahinga berekana ko koreya ya Ruguru ego niko « yosambura buhere » na Amerika, ariko rero ‘ababanyi ba Koreya ya Ruguru aribo Koreya y’Epfo n’Ubuyapani bopfa ari ibihumbi amajana ku musi umwe gusa wa mbere w’intambara bivuye ku bitero vya missiles za Koreya ya Ruguru. Mukamenya ko naho Amerika yahora ishimika ko ikibazo ca Koreya ya Ruguru cotorera biciye mu biganiro, ubu hoho Amerika irerekana ko yiteguriye guhangana na Koreya ya Ruguru mu buryo bwa gisirikare.

Umunyamabanga wo kwivuna abansi wa Amerika, James Mattis, mu rugendo arimwo muri Koreya y’Epfo, yaraye amenyesheje ari mu gisagara ca Seoul, ati : « Turiko turakora uko dushoboue kwose kugira dutorere iki kibazo ca koreya ya Ruguru mu buryo bw’umwumvikano…ariko rero abakora uwo mwumvikano bategerezwa gushigikirwa n’uburyo bwa gisirikare…igisiriakre ca Amerika kirasumba kure n’iyo ica koreya ya Ruguru…nibitokwiyumvirwa ko Amerika yoreka Koreya ya Ruguru ikabandanya umugambi wayo w’ibigwanisho ruhonyanganda kuko bihungabanya umutekano w’isi yose ».

Recommended for you