NEWS

Ibihugu vya Israel na Iran Vyoba Bigiye Gutana Mu Mitwe?

on

Ku musi wa gatatu n’ejo ku musi wa kane harabaye ugutana mu mitwe gukaze hagati y’ibihugu bibiri bisazwe bidacana uwaka arivyo Israel( Abayahudi) na Iran( Abarabu). Israel ikaba yagirije Iran gutera ama roketi mu gace ko mu buraruko bwa Israel, maze Israel nk’uko yama yagabishije Iran yaciye ikora igitero simusiga ku birindiro n’ibikoresho vya gisirikare Iran ifise muri Syria, kubera ko mu civugo ca Israel ni “iwacu[Israel] haguye imvura, iwabo[Iran] hazogwa urubura”.

Ivyo bihugu vyose uko ari bibiri biriko bituma abategetsi bamwe bamwe b’isi bagerageza gusukamwo mabisi kugira ntihabe intambara simusiga kuko yosasika inganda hagati y’ivyo bihugu bitarabana ryiza haheze imyaka myinshi. Iran na Israel bikaba bisanzwe bihingura ibigwanisho simusiga nka za missilles n’ibindi.

Emmanuel Macron w’Ubufaransa niwe yatanguye gusaba ko ‘hohagarikwa ukuduza ugutana mu mitwe hagati ya Iran na Israel’. Ubudagi nabwo bukaba bwamenyesheje ko ‘Iran iyoheba ibikorwa vyo gusomborotsanya’.

Igihugu c’Uburusiya kiyobowe na Vladmir Putin naco kivuga ko ‘ukurabana ayingwe vyohagarara hagati ya Israel na Iran’. Putin akaba asanzwe afitaniye ubucuti cane na Iran mu kuja hamwe mu gushigikira Syria, ariko kandi kandi akaba afitaniye ubucuti budasazwe hagati na Benjamin Netanyahu wa Israel; bigaca bigaragara ko vyogora cane Putin kugira aho ahagaze muri iyo ntambara ya Israel na Iran.

Ibihugu vya Amerika n’Ubwongereza vyovyo ntivyatevye kwerekana aho bihagaze atari ukwerekana ko ‘bishigikiye ijana kwijana ukwivuna kwa Israel ibitero vya Iran’. Igihe intambara yokwaduka, Amerika ntiyoteba kwifatanya na Israel mu gutera Iran na rirya imigenderanire hagati ya Iran na Amerika isanzwe atari myiza na gato kuva aho Trump ahitiyemwo guhagarika amasezerano ya Nucleaire ya Iran.

Ariko rero, ibihugu vyose vyegwa n’ico kibazo biramaze kugaragaza ko ‘bidashaka gushika kure muri izo mpari’ kubera ko bigaragara ko hari ukutarenza urugero mu ngingo zose zifatwa nivyo bihugu bibiri mu kwishura ku bitero vy’agasomborotso.

Recommended for you