INTERNATIONAL NEWS

Ibihugu Vya Amerika(US) Na Koreya Ya Ruguru Bikomeje Kwotsanya Igitsure

on

Ibihugu vya Koreya ya Ruguru na Amerika biriko bikora ibikorwa vyo guterana ubwoba budasanzwe mu buryo biriko baritegurira intamabara. Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika gikomeje kugaragaza ubwoba gifitiye Korea ya Ruguru ku bikorwa vya Gisirikare Amerika iriko ikorera muri Koreya y’Epfo.

Kuri uyu wa Gatatu itariki ya 26 Ntwarante 2017, Amerika yaratanguye gushinga inkingi izoterekaho ibisasu vyays (missile) muri Korea y’Epfo, mu gihe ikomeje guterana amajambo na Koreya ya Ruguru.

Amerika ikomeje kugaragaza ukwikanga mu gihe ifite ubwoba z’ibikorwa vya Korea ya Ruguru ikomeje kugerageza ibigwaninsho ruhonyanganda vy’ubwoko butandukanye birimwo za missiles ndetse n’ibindi bishobora kugenda ibirometero birenga 10000(Intercontinental Ballistic Missiles,ICBM), bishobora gushikira ubutaka bwa Amerika n’Ubwongereza bitewe biva mmuri Koreya Ya Ruguru.

Abanyagihugu ba Koreya Y’Epfo bariyamirije ishingwa rya THAAD

Nk’uko BBC ibimenyesha, ngo Inkingi “THAAD” (Terminal High-Altitude Area Defense)  zizotuma iki gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika cirwanaho mu gihe Korea ya Ruguru izoba igavye ibitero vya Missiles.

Abanyagihugu ba Korea y’Epfo bashika mu majana, bagikubita amaso izo modoka zari zitwaye izo nkingi za THAAD, baciye bihereza amabarabara biyamiriza izo nkingi ku butaka bwabo.

Igihugu c’u Bushinwa na co ciyamirije iki gikorwa cyo gushinga  “THAAD” ko zishobora gutuma umutekano w’akarere uhungabana. Ubushinwa bukaba bwikeka mu gihe Amerika, mu gihe Amerika yarangije gushikana ubwato bw’intambara mu mazi y’izinga rya Koreya ndetse n’ubundi buca munsi y’amazi buri ku mazi ya Korea y’Epfo, itavuga rumwe n’iya Ruguru.

Ubwato bw’intambara bwa Amerika buca munsi y’amazi bushobora gutwara amamissiles 154

Mu kwitegura urugamba, u Bushinwa nabwo bukaba bwasohoye ubwato bushasha bw’intambara bushobora kugwako indege z’intambara, bwakorewe mu Bushinwa kugira nabwo butegure igisirikare cabwo.

Perezida Donald Trump, aherutse gusaba Ubushinwa kumufasha mu guhagarika ibikorwa vya Korea ya Ruguru vyo Kugerageza ibigwanisho ruhonyanganda. Aha akaba yaravuze ko aho butobafasha bitazobabuza guhangana na Korea ya Ruguru bonyene.

Recommended for you