INTERNATIONAL NEWS

Ibihugu Vya Amerika N’Ubuyapani Vyasubiriye Gutangaza Ukuja Hamwe Mu Kugwanya Koreya Ya Ruguru.

on

Abategetsi ba leta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubuyapani bemeranije kuri uyu musi wa mbere itariki 03 Mukakaro ugukorana hagati y’ivyo bihugu bibiri kugira bishire umukazo ku gihugyu ca Koreya ya Ruguru mu kiyago co kuri telephone, niko Umunyamabanga mukuru wa cabinet y’Ubuyapani Koichi Hagiuda yatangaje uyu musi wa mbere.

Nkuko biboneka mu kinyamakuru Kyodo News agency, Hagiuda yavuze ko Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe hamwe n’umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump bahisemwo kuzokoresha Inama y’ibihugu 20 bitunze kwisi G20 izobera mu Budagi I Hamburg mu kuzoshimika cane ku kibazo ca Koreya ya Ruguru bivanye n’uko ico gihugu kibandanya umugambi Waco wo gukora no kugerageza ibigwanisho ruhonyanganda, kikongera kikavuga ko kizosambura Amerika mu kurungika missile ishobora gushikira ubutaka bwa Amerika (Inter-Continental Ballistic Missile,ICBM).

Shinzo Abe na Donald Trump bemeye gukorera hamwe ku kibazo ca Koreya ya Ruguru.

Ivyo biri uko mu gihe Amerika iheruka gufatira ibihano Ibanki imwe ry’Ubushinwa hamwe n’abantu bamwe bamwe babandanya bakorana urudandazwa na koreya ya Ruguru, maze Shinzo Abe akaba yaboneyeho akanya ko gushimira Trump kuri iyo ngingo yo kubafatira ibihano, kubera Amerika n’Ubushinwa bari bumvikanye gushiira umukazo kuri Koreya ya ruguru hama U ushinwa bubirengako, nkuko ico kinyamakuru kibandanya kivyerekana.

Igihugu c’Ubudagi kikazokwakira iyo nama ya G20 ku magenekerezo ya 7-8 Mukakaro. Abategetsi b’ibihugu vya Argentine, Australie, Bresil, Chine, france, Ubudagi, Ubuhinde, Indonesie, Ubutaliyano, Ubuyapani, Mexique, Uburusiya, arabie Saoudite, afrika y’Epfo, Koreya y’Epfo, Turkiya, Ubwongereza, leta Zunze Ubuumwe Za Amerika hamwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya baritezwe kwitaba iyo Nama ya G20.

Ikibazo c’amazinga ya Koreya kirabandanya ubu haraheze imyaka irenga mirongo itanu Ibihugu vya Koreya ya Ruguru n’iy’Epfo bitanye mu mitwe maze iyo ntambara ihagarikwa habaye cessez-le-feu gusa Ata masezerano yamahoro abaye yo guhagarika intambara burundu ahabaye.Guhera ico gihe mu myaka ya 1950, igihugu ca Koreya ya Ruguru, icahaburiye abanyagihugu benshi cane, caciye kiguma gikora ibigwanisho bikomakomeye kugira gishobore kwikingirra. Muri ubwo buryo nhyene, bisa nuko ibihugu vya Koreya ya Ruguru n’Iyepfo bisa nibikiri mu ntambara.

Recommended for you