INTERNATIONAL NEWS

Ibihugu Vya Amerika Na Koreya Y’Epfo Birategura Igitero ca Gisirikare Kuri Koreya Ya Ruguru.

on

Ejo kumusi wa Gatanu itariki 28 Mukakaro 2017, igihugu ca Koreya ya Ruguru carasubiriye kugerageza ikindi ki missile gishobora gushikira iyindi migabane y’isi (ICBM: Inter-Continental Ballisttic Missile), ivyo Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryiyamirije mu masezeranonyaryo, maze ico gihugu kikabandanya kibirengako.

Iryo gerageza rya Missile ishobora gushikira iyindi migabane y’isi rije rikurikira irindi ico gihugu ca Koreya ya Ruguru yagize ku wa Mukakaro itariki 4, 2017, aho abihweza ibintu n’ibindi bavuze koi co kimissile cari catewe cari gifise ububasha bwo gushikira Imwe mu ma leta ya Amerika ,Alaska, iri nko ku bilometero ibihumbi 6000 uvuye muri Koreya ya Ruguru.

Igerageza naryo rya missile ryaraye ribaye ryatumye ikimissile kigenda iminota irenga 40 gushika ku birometero 3000 uja mu kirere, aho ico kimisssile caciye kigenda kandi ibilometero 1000 mumakika hama kirwa mu mazi y’Ubuyapani.Umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un amaze kubona ko yaroraniqwe mu gusubira kugerageza ikimissile gishobora gushikira iyindi migabane, yaciye avuga ati: Ubu rero ubutaka bwose bwa Leta Zunze Ubumwe Za Amerika Tubufise mu minwe yacu”.

Abashakashatsi babona ko ico kimissile iyo kigenda mu buryo bukitse cari
kugenda ibilometero 9000 canke 10 000, aho ibisagara vya Leta Zunze Ubumwe Za Amerika arivyo San Frasisco na Seattle vyoshikirwa nico kimissile. Hari n’abandi bashakashatsi bavuze nyabuna ko ico kimisiile caraye kirashwe na Koreya ya Ruguru gishobora no gushikira ibisagara vya New York na Washington DC( biri nko ku bilometero hagati ya 13 000 na 15 000 uvuye muri Koreya ya Ruguru).Ibibihugu vya Amerika na Koreya y’Epfo vyaciye bisubiza mu gukora ibitero vya Missile vyerekezwa mu mazi ya Koreya y’Epfo kuri uyu musi wa gatandatu.

Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, Donald J.Trump, akaba yamenyesheje ko ‘Koreya ya Ruguru ibangamiye cane umutekano w’isi yose’.Biri uko mu gihe haciye haba Inama hagati ya Amerika na Koreya y’Epfo mu gisirikare , aho hashitsweko ko “igitero ca Gisirikare” gishobora gukorwa kuri Koreya ya Ruguru.

Igihugu c’Ubushinwa,gisanzwe cagirizwa na USA ko gishigikiye Koreya ya Ruguru, naco cahambije ibindi bihugu mu kwiyamiriza iryo geragezwa ry’ico kimissile.Biragaragara ko Amerika iri kumwe na Koreya Y’Epfo hamwe n’ubuyapani bishobora gutera Koreya ya Ruguru, ariko iyo yoba ingorane y’isi yose kubera hariho ibihugu vya Rutura nk’Uburusiya n’Ubushimwa bidashikigikiye ko Amerika yotera Koreya ya Ruguru.

Recommended for you